Mu nama ya bose Igira 7 y’Umurwi w’Igihugu wo Gukinga no Gutegekaniriza kazoza abanyagihugu yakoranya kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Kigarama 2021 i Bujumbura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano , Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yamenyesheje ko Umugambi MERANKABANDI wafashije cane abenegihugu bagera ku miryngo ibihumbi 56.000 bo mu ntara 4 kuva mu bukene budasanzwe.

Yavuze ko ngo uwo Mugambi Kubera Uwo mu mugambi twasanze urikonuragirira akamaro kaboneka abenegihugu bafashwa, inama ya bose iheruka yari sasavye ko vyoba vyiza uwo mugambi ushoboye gushikanwa mu ntara zose. Akaba yavuze ko anezerejwe cane n’ukubona hakoranye inama yabose igira 7 mu gihe urwego nshingwantwaro rw’ibanki y’isi yose rwri ruraye rwemeje umugambi wa Kabiri w’Umugambi „Merankabandi“.
Ati uwo nawo uzokorera mu ntara zose , aho biteze ko haoshigikirwa imiryango yababa ibihumbi ijana na mirongo itanu, ni ukuvuga hafi abantu bagera ku Muriyoni.

Na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE, yari yateye iteka ivyo bikorwa, yamenyesheje ko ihangiro ry’uwo mugambi ni gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu bose mu kubafasha gushikira ubuvuzi bubereye kandi butavuna, mukwitwararika indero y’abans mu mashure, no mu kubaronsa amikoro mu gihe bashikiwe n’ingorane mu biringo bitandukanye bigize ubuzima bw’abantu, nko mugihe bakitswe n’amagara, mu kwarika abibarutse, mu gushigikira abageze mu za bukuru, abagendana ubumuga, abagize impanuka z’akazi, abafise indwara zituruka ku kazi, canke mu gihe mu miryango babuze.

Mwomenya ko imiriyoni yababa ijana na mirongo itanu z’amadorare y’abanyamerika (150.000USD) ariyo yatanzwe n’ibanki y’isi yose kugirango afashe muri uwo mugambi Merankabandi ugira kabiri uzorangurirwa mu ntara zose.

Iyo nama ikaba yari yitabwe na ba buramatari b’intara zose, ba musitanteri bose, abo mu Bushikiranganji bujejwe gushigikira, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu hamwe nayo mu Burundi akorera muri ico gisata co gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihu.