1 mai 2024

Umugambi Merankabandi zarafashije cane gukura abenegihugu mubukene

Ivyo ni ivyagaragaye kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 7 nyakanga 2023, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira arikumwe Na Victoria ‘igecegera c’uwurongoye ibanki y’isi yose mu karere ka Afrika y’ubuseruko no mubumanuko  barishikiye muri Zone  Mahwa, Komine Ryansoro, muntara ya Gitega, aho icegeranyo c’umuyobozi w’Ibanki y’iyi yose  yari yaje murugendo rwo gusuzuma ibikorwa vyaranguwe n’Umugambi w’Igihugu ujejwe kwitaho ba ntahonikora ngo bave mubukene, maze baje kumurindi w’abandi benegihugu mw’iterambere rirama.

Nyakwubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Jean MVUYEKURE)

Amaze kuganiriza abenegihugu bafashijwe mumugambi Merankabandi, yababajije ico uwo mugambi wabamariye bakaba bamwishiye bashize amanga KO umugambi MERANKABANDI wabakuye habi, KO bari bakenye cane, abana nabo batiga, batagira ico bafungura, ico bambara ndetse batashobora no kuja aho abandi bari, kuko bagenda gusa, bambaye ibishambara.

Ngo kuva uwo mugambi uraronkeje inyigisho hamwe n’uburyo, baravuye mubukene baradandaza, bararima, barorora, kandi ngo ubu bari mumakoperative, eka ngo n’abana babo baravyibushe kandi ngo bariga neza, bakanabaronkera ibikoresho atangorane bagize.

Bamwe mu bafashijwe mu Mugambi Merankabandi (Ifoto na Jean MVUYEKURE)

Abo bafashijwe n’uwo mugambi ngo ubu barakuge amatongo yo kurima, hari n’abamaze kuronka  umuyagankuba wa REGIDESO.

Bociye baboneraho gusaba uwo mushitsi KO yobandanya abashigikira mumigambi irimbere nko mukubaronsa uburyo bwo guhingura imyimbu y’ivyo barimye.

Aha bakaba bashimikiye kumirima y’inanasi zirenga 7000 hamwe n’amabungo barima bipfuzako vyohingurwamwo imitob, gutyo bikabagirira akamaro gusumba, bakabona kuguma batera imbere aho gusubira inyuma.

Ivyo rero bikaba vyaranezereje cane, icegera c’uwurongoye ibanki y’ISI yose, Akaba ayagiye abemereye KO azobandanya abashigikira mumigambi bariko bararangura.

Nyakwubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Jean Mvuyekure)

Nawe Nyakwubahwa Imelde Sabushike muvyo ajajwe harimwo kwitaho abafise amikoro make yahamagariye abo benegihugu gukora bivuye inyuma, ngo bave mubukene koko, maze bamenyeko Ibanki y’isi yose ifashe mumugongo uwo mugambi, bitazokwama biri uko,  kuburyo niyo warangira bazoguma biteza imbere ntibasubire inyuma.

Akaba yarangije ashimira cane icegera c’uwurongoye ibanki y’isi yose amusaba kuzoguma ashigikira Reta y’Uburundi mur’uwo mugambi MERANKABANDI kugirango ntihagire n’umwe asigara inyuma mw’iterambere rirama.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →