27 juillet 2024

“Ntamuntu yokwama ari ntahonikora ubuzima bwiwe bwose”

Ayo ni amwe mu majambo yavuzwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’ Iterambere ridakumira kuri uyu wa kabiri igene kerezo rya 31 nzero 2023 ku murwa mukuru w’intara ya  KARUSI, igihe yariko yishura ku bibazo vy’abenegihugu muri rwa rukurikirane rw’ingendo abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi bariko baragira mu ntara zose.

Niko guca avuga ko ubu hoho hasanzwe hari ubushikiranganji bujejwe ba ntahonikora, ngo bufasha umuntu kuva kuntambwe yariko mwiterambere bukamushina ahandi, kurugero rwo kwiha ivyo atahora aronka bibayayaye, ariko ngo ntiyovuka ari ntahonikora, ngo arinde asaza ari ntahonikora, kandi akomeye ibihimba vy’umubiri vyose.

Ivyo kandi akaba yabivuze inyuma yuko hari abenegihugu bavuga ko bugarijwe n’ubukene bwo kubura ico bafungura kandi bari barafashijwe mu mugambi washigikiwe n’ishirahamwe PNUD.

Ati “iyo muronse amahera uko anagana kwose, aba ari ayo kuvyaza umusaruro, gutyo mukaba muvuye kurutonde rw’abo twita ntahonikara, ubushikiranganji bugaheza bugakurikirana bashasha.”

Haravuzwe n’ikibazo c’uwahungutse none uba atagira icepfo ca ruguru kuko abo yitura batamutunganiriza, ivyagaragaye ko na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yakozweko n’iyo nyifato, aca avuga at”Nimwishire mu kibanza c’urya muntu mugira mutunganirize, mwibaze muti mbe iy’aba ari jewe vyashikiye nari kubigenza gute?” Ati “ aho niho tuzoshobora gutunganiriza neza abatwitura”.

Mu vyo yanka akaba yaravuze ko yanka cane akarenganyo, ari nako gutanga impanuro kubajejwe gutunganiriza abandi kuko kukibazo c’uwari yahungutse akabura ivyiwe, abo yituye ntibamutunganirize, ngo bituma n’abandi basigaye hanze batokwipfuza kugaruka, no nburya igihug c’Uburundi cipfuza ko abenegihugu baco bari hanze bogaruka, bagakora imirimo yo kugiteza imbere.

Kukibazo cagarutse c’abantu batagira aho baba, yavuze ko n’ubundi bitumvikana kwitwa umwenegihugu kandi udafise n’aho ukika umusaya.

Ari nako kwibutsa abari aho ko bagiye kwicara bari kumwe na bagenziwe babiri, uwujejwe Intwaro yo hagati hamwe n’umujejwe ibidukikije kugirango barabe mu matongo yose ya Reta ahari, ko boyaronsa abatayafise nk’uko ngo babitegetswe.

Kukibazo c’imibano aho vyagaragaye ko hari ingorane zikomeye mu ngo na cane cane mu bubakanya, yavuze ko amategeko ahari aho usanga hari vyinshi atavugako nk’ivyerekeye abantu babanye bidaciye mu bategeko, kandi bamaze kuvyarana, ugasanga hadutse indyane, abana canke abo bakenyezi bakabura uwo bitura. Yasaye ko abazogirirwa amahirwe bakazoba bari mu bafasha guterera ivyumviro vyofasha muri iryo tegeko boraba cane ibibazo bikunda kwibonekeza muri iki gihe, maze bagire icobabivuzeko, umwe wese aze yisange rimukingira.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE azorangiriza ico gikorwa co kuganira n’abenegihugu kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 ruhuhuma 2023 mu ntara ya Muramvya hamwe no mu gisagara ca Bujumbura.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →