30 avril 2024

Abajejwe intwaro tubasavye kutubera ijisho mu kurwanya ba kaboko

Ivyo ni ivyasabwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 10 Rusama 2023 mu Gatumba muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura igihe yariko arugurura uruganda rwo kurabira hamwe ivyokorwa mukugwanya ubunyonyezi bwibonekeza mumashirahamwe yo gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu ari yo ya INSS, Mitiweri y’abakozi ba Reta hamwe na ONPR.

Yamenyesheje ko ubwo Bushikiranganji bwateguye urwo ruganda kugirango barabire hamwe icokorwa mu kurwanya ubunyonyezi bwibonekeza muri ayo mashirahamwe.

Yashimiye cane abitabiriye ico kiganiro kuko ngo ukwitaba kwabo ari ikimenyesto kigaragaza ishaka ridasanzwe ryo kwitaho ineza y’abenegihugu basanzwe baronka ubufasha mu mashirahamwe ya INSS, Mituweri hamwe na ONPR.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yavuze ko Reta y’Uburundi yafashe umugambi wo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu nk’inkingi y’iterambere rirama   ry’Igihugu c’Uburundi.

Ngo ni muri iyo ntumbero yashizeho umugambi w’igihugu w’ugukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu mu mwaka w’2011 kandi ngo ihangiro nyamukuru ry’uwo mugambi rikaba rishingiye kugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu bose ata numwe avuyemwo.

Yongeye aramenyesha ko gutegekaniriza kazoza rero abenegihugu, ni ingingo yafashwe na Reta kugirango yorohereze Abenegihugu mu kubaronsa ivyankenerwa mu buzima bwa minsi yose, cane cane mukwivuza no kubafasha cane cane iyo bageze mu zabukuru canke bashikiwe n’isanganya.

Aha akaba yaciye yibutsa abari aho ko umuntu wese ashobora gushikirwa n’indwara, ubusaza, ubumuga, canke impanuka.

Ngo nico gituma Reta y’Uburundi yama irondera ineza y’abenegihugu bayo mu gushiraho ingingo zifasha kugabanya no gukura impanuka zikunda kwibonekeza.

Kandi ngo ni muri iyo ntumbero kandi Reta y’Uburundi yashizeho igitabu c’amategeko agenga ugutegekaniriza kazoza abenegihugu ico naco kigaheza kikerekana neza ingingo zofatwa iyo bishitse hakagira utunenge twibonekeza mw’ishirwa mungiro ry’umugambi w’igihugu wo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu.

 

Kugirango vyorohe ko abenegihugu bose bashobore gukingirwa no gutegekanirizwa kazoza, yaciye amenyesha ko hashizweho amashirahamwe ya INSS, Mutuelle hamwe na ONPR, ajejwe ico gikorwa buri munsi.

 

Aho rero niho yaca avuga ko mw’ishirwa mungiro ry’uwo mugambi hari igihe usanga hariho ubunyonyezi bwibonekeza muri ayo mashirahamwe, bigaca bituma ihangiro igihugu cihaye ridashikwako.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yasiguye neza ko Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikarana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira turongoye, bwiyemeje kurwanya inzitizi zose zibonekeza mugisata co gutegekaniriza kazoza abenegihugu bubifashijemwo n’abajejewe amabanga atandukanye muri Reta.

Yongeye ati “Kugirango ivyo tubishikeko, twarategekanije inganda zo guhimiriza kurwanya ubunyonyezi n’ubusuma bwibonekeza muri ayo mashirahamwe tudondaguye, ku barongoye abandi mu bisata vya Reta bitandukanye mu ntara zose z’igihugu, zizofasha mu kugabanya ndetse no gukura inzitizi zituma abenegihugu bose badakingirwa bikwiye mukuronswa ivyankenerwa”.

Akaba yaciye asaba abajejwe intwaro kuba ijisho ry’Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana mu kurwanya ba kaboko kuko ngo ibikorwa n’ubutunzi bw’ayo mashirahamwe ni itunga rusangi, abarundi bose bategerezwa gukingira uko bishoboka kwose.

Uwaserukiye ishiramwe INSS akaba yamenyesheje bumwe mu buryo bukorwa aho vyagaragaye ko hari abaza gusaba amafaranga asanzwe ahabwa abakozi bitavye Imana, ariko ugasanga munyuma uwari yavuzwe ko yitavye Imana aciye yiyizira ubwiwe, aje gusaba amahera ahabwa abakukurutse.

BIZIMANA Dieudonné, umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w’intara ya Bujumbura yari yaserukiye Buramatari w’Intara ya Bujumbura yamenyesheje ko igisata ndangamuntu ari co gikunda kwibonekezamwo amahinyu aho yaciye atanga akarorero k’abaja kwandikisha abana mu gihe baba baramaze kwitaba Imana, kandi bakivuka batabandikishije.

Ati utwo tunenge twama twibonekeza ahanini mu gisata ndangamuntu, akaba yashimye cane kubona Ubushikiranganji bwo gushigikirana bwateguye ko iyo nama ibera ngaho muri iyo ntara.

Yanaremesheje abari aho ko naho zone Gatumba yatewe n’amazi bimwe biteye ubwoba ko bashobora gukoreraho inama batekanye.

Mwomenya ko inama nk’izo zari zimaze gutegurwa no gukorwa mu burere 4 bw’igihugu, aho zantunganirijwe i Ngozi, i Gitega hamwe n’i Matana mu ntara ya Bururi.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →