27 avril 2024

Ababanywanyi ba Mutuelle de la Fonction Publique b’i Kiremba bagiye kworoherwa mu kwivuza

kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 ntwarante 2023, kubitaro vy’i Kiremba mu ntara ya Ngozi, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bubicishije mw’ishirahamwe Rivuza abakozi ba Reta Mutuelle de la Fonction Publique, bwuguruye Ibiro (guichet) hamwe na Pharmacie vy’iryo shirahamwe kuri ivyo bitaro vy’i kiremba, komine ya KIREMBA, intara ya NGOZI.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira akaba ariwe yari yateye iteka ivyo birori.

 

Mw’ijambo ryo kwugurura iyo ivyo biro hamwe na Pharmacie, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yavuze ko Ibwirizwa n°100/007 ryo kuwa 28  ruheshi 2020 ritunganya Reta y’Uburundi, hamwe n’ibwirizwa N°100/084 ryo 12 gitugutu 2020 ritunganya Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira,  riha ububasha ubwo Bushikiranganji gukurikirana ibikorwa vyose birangurwa n’ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta, Mutuelle de la Fonction Publique ndetse no misi iri imbere, rikazonavuza abenegihugu bose bavyipfuza.

Ati ni muri iyo ntumbero Reta mvyeyi kandi Nkozi, ishaka ko abenegihugu boroherezwa mu buzima bwabo bwa misi yose, ngo ari naco gituma batunganije ivyo bikorwa vyo kugurura ivyo biro vy’ishirahamwe Mutuelle hamwe na pharmacie yayo kugirango abahora bagira ibibazo bisaba abakozi ba mutuelle boroherezwe, kandi baronswe imiti aha nyene kubitaro vy’i Kiremba batarinze guta wakuba baja hariya i NGOZI mu gisagara.

Ivyo rero ngo bikaba biriko bikorwa n’ishirahamwe Mutuelle, ubu rimaze  imyaka irenga 43  rirangura imirimo yaryo ngaha mu Burundi.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yakeje Umuyobozi Mukuru w’Ishirahamwe Mutuelle, hamwe n’abakozi bose bafashanya, ku bwira n’ubukerebutsi babirangurana, aca agirako abamenyesha ko ubu bamaze gutahuye neza ko ihangiro nyamukuru rya Reta Mvyeyi, kandi Nkozi ari kwegereza ubufasha abenegihugu, aho mbere ngo ivyo biro bikaba bigize ivya 53 vyuguruwe mu gihugu cose.

 

Bukebuke rero Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, turongoye, bubicishije muri iri shirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique, bukaba buriko burashira mu ngiro umugambi wa Reta y’Uruburundi wo gukwiragiza ibiro nk’ibi, mu bitaro vyose vy’amakomine nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu ciza c’Uburundi Général Major Evariste NDAYISHIMIYE, yarivumereye mu gutanguza umugambi wo kubaka ibitaro vyo mu ma Komine yose agize igihugu cacu. Ivyo bitaro navyo bica bikorana n’ishirahamwe Mutuelle, kugirango aho hose hari ibitaro vya Reta, natwe tubicishije muri iri shirahamwe Mutuelle, duca twirukayo tukavuza abanywanyi, ibitaro navyo bikavura.

 

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yanamenyesheje abari aho ko ivyo biro vyuguruwe aho ku bitaro vy’i  KIREMBA muri Komine KIREMBA hamwe na Pharmacie, vyugururiwe umuntu wese azoba akeneye ubufasha bwa mutuelle, ngo ariko rero, abenegihugu bo ngaha i KIREMBA, na cane cane abanywanyi ba Mutuelle, ndetse n’abandi bakozi bari basanzwe bakorera ngaha, bategerezwa kumenya ko abakozi bashasha bahawe akazi ari abo, , babamenyereze akarere baje gukoreramwo, babereke umwonga uhuma n’uwudahuma, ariko kandi ngo mubagumizeko ijisho kuko ni itunga rusangi.

 

Nayo abo bakozi bashasha ba Mutuelle, yabakeje cane kubona baronkejwe akazi muri iryo shirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique, aca abahanura kuzokworohereza ababitura, babakirane urweze, bamenyeko ari ba shebuja babo.

Yongeye aravuga ko hamwe hogira uwo bazokwumva yidogerwa, Nyakubahwa Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle boca bamusaba kumuhindura ubutarariye.

 

Nawe Nyakubahwa NYANDWI Ramazani, Umuyobozi mukuru wa Mutuelle de la Fonction Publique mw’ijambo ryiwe yamenyesheje intambwe bagezeko mu gushira kubuhinga bwa none iryo shirahamwe, aho amakarata adashobora kuryagirwa ngo yononekare naho yorwa mumaze amaze kugorwa kandi abandanya akoreshwa.

Yateye akamo abo bose batazifise kwitura iryo shirahamwe aho hose mutuelle imaze gushira amashami yayo mu gihugu.

Musitanteri wa komine Kiremba yaserukiye Nyakubahwa Buramatari muri ivyo birori, akaba yashimiye Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira hamwe n’ishirahamwe mutuelle kuba bashoboye gushira ibiro na Pharmacie vya mutuelle kuko ngo abahora bakenera ubufasha bwa mutuelle bivuriza kuri iryo vuriro, ntivyahora biborohera gushika i Ngozi.

Mwomenya ko iryo shirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique rigiye kuzobandanya ryegereza aubufasha abenegihugu aho hose hari ibitaro vya reta y’Uburundi, kandi rikazoshiraho n’amasha yayo mu ntara zose, aho kugeza ubu amashami munani ariyo amaze gushirwaho.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →