27 juillet 2024

Imelde SABUSHIMIKE ahamagarira abakenyezi bateye intambwe mu migambi y’iterambere bashigikiwe n’ingurane bahabwa kuja kwigisha abandi bo mu ntara hagati

Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Umupfasoni Imelde Sabushimike yarateye intege Abakenyezi bari mu mashirahamwe ashigikirwa n’ubwo Bushikiranganji bubicishije mu kigo c’Abakenyezi mu Burundi, aho baronswa ingurane ziciye muri CECM  zitandukanye ku migambi bitunganirije.

Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambnere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yabipfurije gutera intambwe mu gutegura imigambi izoshigikirwa n’ibanki y’abakenyezi igiye kuzotangura imirimo mu misi iri imbere.

Hari kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 22 ruheshi 2021 mu kiganiro yagiranye na bamwe mubarongoye ayo mashirahamwe aho bashinze intahe ko bamaze gusezera ubukene. Abo bakenyezi barashimira cane Reta y’Uburundi babicishije muri ubwo Bushikiranganji.

Abakenyezi bateye intambwe bivanye n’ingurane bahawe bariko barashinga intahe y’intambwe bagezeko (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Basavye Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana ko yabashigikira mbere bakaja no kurahura ubwenge mu yindi mihingo y’igihugu n‘isi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yasanze ahubwo ari nabo bakwiye kuja gusigurira abandi bakenyezi bo mu ntara za ruguru batarashika kuri iyo ntambwe.

Akaba yaciye asaba uwurongoye ico kigo, Umupfasoni  Chantal DUSABE, ko yotegura ibindi biganiro kandi agatumira Radio na Televisiyo vy’Igihugu kugirango n’abandi bakenyezi bo mu zindi ntara biyumvire intahe zishingwa n’abo bakenyezi bamaze gutera intambwe idasanzwe.

Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntui n’Iterambere Ridakumira (Hagati) Chantal DUSABE, Urongoye ikigo c’abakenyezi Maison des Femmes (I buryo) Uwurongoye Ishirahamwe CECM (I bubamfu) (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarasavye kandi ko Ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana CECM ayo mahera acamwo ko ryogabanya inyungu basaba ku ngurane bivanye n’ikiringo, kuko hari igihe ngo bigorana kuri bashasha uravye kuva mu bukene baba barimwo no kubandanya bariha iyo ngurane.

Uwurongoye ico kigo akaba yarakengurukiye cane Nyakubahwa Umushikirangnji ku kigoro yagize ko kuza kubashigikira muri ivyo bikorwa vyo kwigisha abakenyezi kwiteza imbere.

Mwomenya ko amashirahamwe agera ku 51 ariyo amaze kuronswa ingurane n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, nayo imigambi 76 akaba ariyo imaze gushigikirwa.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →