26 avril 2024

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE agiye kugendera abenegihugu bahora baba mw’izinga rya RUYOKA, komine BUSONI, intara ya KIRUNDO

Ivyo bikaba bihejeje kuvugwa na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agatekka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatanu Igenekerezo rya 27 nzero 2023 mu ntara ya Kirundo mu kiganiro ariko arangiranira n’abenegihugu bo muri iyo ntara.

Nyakubahwa Buramatari w’intara ya KIRUNDO Albert HATUNGIMANA mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, yavuze ko iyo ntara itekanye kandi abenegihugu bafatanye munda ngo n’abahora bavuga ko babakumira na cane cane abatwa ubu ntibikivugwa, ariko ngo hari ikibazo c’abengihugu b’abatwa baba mw’izinga rya RUYOKA, umutumba wa GATARE  muri Komine BUSONI, intara ya KIRUNDO, kuko ngo bageramiwe cane, ubu abajejwe intwaro batanguye kubakurayo kuko ari hagati mu kiyaga, ngo kwivuza bibagora, ngo barinda kujabuka baza hakuno kurondera ubufasha bamwe ugasanga baguye mu mazi, ari nako gusaba  Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agatekka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuzoza kubafasha kubatahuza bakavayo, kugira baronswe ubufasha bitabagoye.

Yongeye aranavuga kubijanye n’agateka ka zina Muntu aho hari abagore 3 baheruka kwicwa, ngo ejo haheze bakaba baragiyeyo, ahanini ngo bakaba basanze hari amahohoterwa ari hagati y’abagabo n’abagore, aho mbere hari n’abasaba ko abantu bica abandi iyo bapfunzwe baca barekurwa, bagasaba ko uwishe nawe boca bamwica kugirango bigabanuke.

Nyakubahwa Albert HATUNGIMANA akaba kandi yavuze ko muri iyo ntara ya KIRUNDO hari ikibazo c’abakozi baserukira Ubushikiranganji bwo gushigikirana,  na cane cane muri komine ya BUSONI aho uwari ahabuserukira aheruka gukukuruka.

Ari naho Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaciye yemeye ko azotegura urugendo kuraba abo benegihugu baba muri iryo zinga rya RUYOKA vuba.

Aca avuga ko ku kibazo c’ubwicanyi buvugwa, ko abantu bose bakwiye kugihagurukira, bagahagurukira ingo, bagasenga, kuko bigaragara ko benshi bamaze gufata imitima y’ubunyamaswa, aho abantu batatu bishwe bivuye kumatiti yo murugo.

Yana vuze kukibazo c’abantu bitwa ntahonikora, yavuze ko abajejwe intwaro bokorana kandi babikoranye umutima w’urukundo, bagire impapuro za bantahonikora koko, ngo kuko iyo badashize imbere umutima w’urukundo usanga hagiyemwo abataribo.

Abo bakozi b’ubwo bushikirangnji nabo rero bari mumakomine, ngo bofasha kugirango musitanteri aheze umuhe urupapuro rwa ntahonikora,  aheze afashirizwe muri komine, bibaye ngombwa naho, babizane mu bushikirangnji bujejwe gushigikirana, nabo baheze bamufashe kurwego rw’igihugu.

Yanaboneyeho kuvuga kubijanye n’amatohoza y’imibereho y’abengihugu (enquête sociale), ngo bakiriko, kandi ngo  baragihereye mu ntara ya Muyinga, muri konini Gashoho, ariko ngo bagomba kubikorera ahandi hantu, mu bundi burere, bafate komine zindi z’akarorero, gutyo bafashe abitwa ntahonikora, bahindure babone ko bavuye ku murwi uyu bagiye kuwundi mw’iterambere.

Aho rero ibibazo bikaba vyaciye bitangura kubazwa n’abenegihugu.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →