26 avril 2024

Ibiro 1100 vy’Umuceri, uburengeti hamwe n‘amahema nivyo twabazaniye

Kuri uyu wambere igenekezo rya 20 ntwarante 2023 kumutumba Kibuye wo muri komine Isare Intara ya Bujumbura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikirangnji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n‘Iterambere Rigakumira yashiririye infashanyo igizwe n’umuceri, uburengeti hamwe n‘amahema ku miryango 22 inzu zabo zahuye n’ivyago vy’isenyuka ry’umusozi  waturutse kumvura nyishi, eka mbere n’imiryango yahaye indaro abo benegihugu ikaba yaronkejwe imfashanyo y‘ibifungurwa.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaremesheje abo benegihugu kuri ivyo vyago vyabashikiye, ariko arongera aravuga ko Imana yakinze kuko uwo musozi wanyereye ari kumurango, gutyo abantu barashobora kurokoka bumvise urwamo rwatewe n‘ababanyi bariko barabona uko uwo musozi usenyuka.

Akaba yasavye abakiriye abo benegihugu kubandanya babashigikira mukubaronsa ivyo badashobora kwironkera. Nayo aba bahuye n‘ivyago, yabasavye kurondera ahandi hantu baba kugirango ntibagume muri izo ngorane naho bigoye kuva aho umuntu yataye uruzogi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabameyesheje ko abazaniye agaseke kagizwe n’Ibiro 25 vy’umuceri, uburengeti 3 hamwe‚ihema kuri buri rugo mu ngo 22 zahuye n‘isenyuka ry’umusozi, maze aca abasaba kutadandaza ivyo baronkejwe, ahubwo babikoreshe neza. Nayo Imiryango yabakirye ikaba yaronkejwe nayo nyene Ibiro 20 vy’umuceri kuri buri rugo.

Yasavye abenegihugu hamwe n‘abajejwe intwaro muri iyo ntara kubandanya babashigikira kugirango baronke uko baduza ibigega vy’inzu, maze ngo Ubwo bushikirangnji nabwo buheze bubafashishe ibisakazo.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yari yagiye aherekejwe n’Umuyobozi Mukuru ajejwe Gufashanya no gushigikirana muri ubwo Bushikiranganji Joseph NDAYISENGA hamwe n‘Umuyobozi ajejwe gufasha abatishoboye n‘abahuye n‘Ivyago biturutse kw’ihindagurika ry’Ibihe  Yohani Berchmans NIYONZIMA.

Buramatari w‘Intara ya Bujumbura yakiye Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yakengurutse cane urwo rugendo hamwe n‘iyo mfashanyo yashikirijwe abo bene gihugu, ari nako guca asabira ibisakazo abazoba badugije impome ahashoboka, hadatwarwa.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →