26 avril 2024

Uburezi nsubirirabavyeyi butegerezwa gukorwa hisunzwe amategeko hamwe n’intambwe zategekanijwe haba ku rwego rw’igihugu canke mpuzamakungu

Ivyo ni ivya shikirijwe na nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Kabiri Igenekerezo rya 21 Ntwarante 2023 I Bujumbura igihe yariko arugurura inama yo kurabira hamwe uko Uburezi nsubirira bavyeyi bwokorwa neza gusumba mu gihugu c’Uburundi hisunzwe amategeko. Iyo nama ikaba yari yatumiwemwo ababuramatari b’intara zigize igihugu c’uburundi, abaserukira Ubushikirangnji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu n’Iterambere Ridakumira, abakora mu gisata c’kijejwe abana n’imiryango, abarongoye amasentare makuru y’igihugu yo mugisagara ca Bujumbura hamwe n’abaserukira amazon muri gisagara ca Bujumbura.

Mw’ijambo ryiwe, yashimiye cane uwujejwe igisata c’uburezi nsubirira bavyeyi mw’ishirahamwe All God’s Children International (AGCI) yaje ava muri Reta zunze ubumwe bwa Amerika, kuntererano yabo idasanzwe kugirango ivyo bikorwa bikoreke.

Yamenyesheje ko Ubushikirangaji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwama butunganya ibikorwa bitandukanye kubijane: n’“Ukumenyesha n’uguhimiriza ku bijanye n’ uburezi nsubirirabavyeyi (adoption) mu BURUNDI”

Pontien HATUNGIMANA yavuze ko ku vyerekeye amategeko, igihugu c’uburundi carateye igikumu ku masezerano mpuzamakungu n’ay’akarere akingira abana. Ngo Mur’ayo masezerano mpuzamakungu harimwo mbere ayajanye n’uburezi nsubirirabavyeyi, ayo na yo ni Amasezerano y’i La Haye yo ku wa 29 Rusama 1993 yerekeye gukingira abana hamwe n’imigenderanire y’ibindi bihugu mu bijanye n’uburezi nsubirirabavyeyi ku rwego mpuzamakungu ( Convention du 29 mai 1993 sur la protection des enfants et la coopération en matière d’adoption internationale).

Yarongeye aramenyesha abari aho ko hari kandi n’ayandi mategeko atari make tutibagiye n’amaporitike ku rwego rw’igihugu, abajejwe agateka k’abana bama bayisunga kugira ineza y’umwana ije imbere.

Aha akaba yaciye avuga twovuga nk’itegeko n°1/004 ryo ku wa 30 Ndamukiza 1999 risubiramwo ingingo z’igitabu kigenga ingo n’imiryango ku bijanye n’uburezi nsubirirabavyeyi, poritike y’igihugu yo gukingira abana (Politique Nationale de Protection de l’Enfant),  umugambi w’igihugu wo gukingira abana batagira kirera (Stratégie Nationale de Prise en Charge Alternative), n’ibindi…

Ku bijanye n’inzego zikingira abana naho,  yavuze ko hariho ubushikiranganji butari buke bujejwe abana mu bisata bitandukanye nk’indero, amagara y’abana, ubutungane n’umutekano w’abana n’ibindi vya nkenerwa mu buzima bw’abana kugira agateka kabo kubahirizwe ku rugero rwuzuye.

Ngo harashizweho kandi igisata kijejwe abana n’imiryango gikukira ubushikiranganji turongoye, ico gisata nyene ni co gikurikiranira hafi ibikorwa vyerekeye kuronderera no kuronsa imiryango abana batayifise, biciye mu burezi nsubirirabavyeyi  tuza kuganirako cane muri runo ruganda rw’iminsi ibiri.

Pontien HATUNGIMANA yongeye arameneysha ko hari rero n’iyindi migambi myinshi cane ifise ihangiro ryo gukingira agateka k’abana mu Burundi kandi n’ubu ibandanya gushirwa mu ngiro, aha akaba yavuze nk’isekeza ryo gukura abana n’abasegerereza mw’ibarabara,  aho gushika ubu bamaze gusubiza mu kibano no mu miryango abana barenga ibihumbi bitanu (5000) kuva iryo sekeza ritanguye mu 2018.

Ngo hari kandi n’abana bahora barerewe mu bigo vyakira abana bashoboye gusubiza mu miryango yabo canke mu miryango mirezi (Famille d’Accueil Volontaire), aho imiryango ishika ku  mirongo umunani n’icenda (89) yasubijwe abana bayo biciye mu mugambi “UMWANA MU MURYANGO).

Iruhande y’ivyo, ibigo bidakwije ibisabwa vyarugawe maze abana babibamwo batagira imiryango barashirwa mu bindi bigo mu kurindira ko barondererwa imiryango yobakira. Abo nabo bashika ku  mirongo ibiri na batatu(23).

Ngo ibimaze kurangurwa ni vyinshi cane,  yaherahereje kuri iki gikorwa ciza co kuronderera imiryango abana biciye mu burezi nsubirirabavyeyi (adoption), aho kugeza ubu abana bagera 30 bamaze kuronka imiryango ngaha mu Burundi nayo abagera ku  majana  atatu  na mirongo itandatu na batanu (365) bakaba bamaze kuronka imiryango mirezi yo mu bindi bihugu.

Murabo bana, abagera kw’141   baronkejwe imiryango  muri Reta zunze ubumwe bwa Amerika babifashijwemwo n’amashirahamwe y’ivyo bihugu akurikirana ibijanye n’ubwo burezi, mbere amwe muri yo akaba ariyo yadushigikiye mu nteguro no mw’ishirwa mu ngiro vya urwo  ruganda, no ayo nayo akaba ari Wide Horizon for Children (WHC), All God’s Children International (AGCI) hamwe na International Child Foundation (ICF). Tukaba tubashimiye cane.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yasozereye amenyesha ko mu minsi ibiri bagiye kumara ngaho,  bagiye kurabira hamwe ibijanye n’ingene uburezi nsubirira bavyeyi bukorwa neza mu Burundi, Navyo ni ibi:

  1. Ikibanza c’Uburezi nsubirirabavyeyi mu buryo bwo gukingira abana
  2. Amategeko yisungwa hamwe n’inzego zijejwe uburezi nsubirirabavyeyi,
  3. Ingene uburezi nsubirirabavyeyi bukorwa mu Burundi,
  4. Ingene amadosiye y’uburezi nsubirirabavyeyi akorwa mu nzego zitandukanye, n’ibindi.

Inyuma y’ivyo rero, ngo kazoba akaryo keza ko gusabikanya ubuzima bw’uburezi nsubirirabavyeyi biciye mu gushinga intahe.

Ico gikorwa kibaba cari gifise intumbero zitatu nyamukuru ari zo z’izi:

  1. Kwungura ubumenyi bw’abitavye uru ruganda ku bijanye n’uburezi nsubirirabavyeyi;
  2. Gushira ahabona ingene abajejwe amarerero bakira ubwo burezi hamwe n’ ivyo imiryango yagize ubwo burezi ibayemwo , mu gushing’intahe;
  3. Gutanga umuco ku bibazo vyose bivuye ku kutamenya ivyerekeye uburezi nsubirirabavyeyi.

Turizeye ko inyuma y’uru ruganda twese tuzoba tubona kumwe ivyerekeye ubwo burezi n’akamaro kabwo ku neza y’umwana aburonse.

Turabatumiriye rero  gukurikirana neza  mwongera mudusabikaniriza ubumenyi musanzwe mubifisemwo umwe wese aho  akorera

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →