27 juillet 2024

Ibitari bike biramaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi

Ivyo vyashikirijwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2023 Muri Komine Buganda Intara ya Cibitoke mu birori vyo guhimbaza umunzi mukuru wahariwe abakenyezi wama uhimbazwa buri mwaka Igenekerezo rya 8 Ntwarante.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yamenyesheje ibitari bike biramaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi hano mu gihigu cacu c’Uburundi, aha akaba yashi;ikiye kuri ibi bikurikira :

  • Iyemezwa ry’amategeko agenga igisata cerekeye ubuhinga ngurukanabumenyi;
  • Ishingwa ry’ikigo kijejwe gukwirikirana itunganywa ry’ibikorwa vy’amashirahamwe akorera mu gisata c’ubuhinga ngurukanabumenyi;
  • Ikwiragizwa ry’umuhora w’ubuhinga ngurukanabumenyi mu ntara zose zigize igihugu cacu;
  • Ishingwa ry’ibigo vy’igisha ikoreshwa ry’ubuhinga ngurkanabumenyi mu ntara zimwe zimwe;
  • Itangwa ry’uburenganzira bwo gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu guhanahana amafaranga ku ma banki n’amashirahamwe atanga ingurane ntonto;
  • Iyugururwa mu ntara za Ngozi, Kayanza, Bubanza, Bururi, Mwaro, Muyinga, no mu gisagara ca Bujumbura ry’ibisata bitangirwamwo mu kibanza kimwe impapuro zikundwa kuronderwa na benshi (igitabo c’inzira, mureke arengane, uruhusha rwo gutwara imodoka n’amapikipiki,  n’ibindi)
  • Itanguzwa ry’urubuga ngurukanabumenyi rw’ubuhinga bw’Abarundikazi »  mu ntumbero yo kwerekana ivyo abakenyezi bakora canke bashoyoye mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu, tunabahamagarira kwiyandikisha ku bwinshi kururwo rubuga, arirwo rw’uru: umurundikazi.org.bi
  • Itanguzwa ry’ubuhinga bwo gutabariza abakorewe amabi afatiye ku gitsina hakoreshejwe ubutumwa bugufi bwo muri terefone ngendanwa;
  • Kuronsa amaterefone ngendanwa abakenyezi bafise amikoro make muntumbero yo kubahimiriza kwitunganiriza imigambi y’iterambere;
  • Itangwa ry’amaterefone ngendanwa ku mboneza zose zo mitumba yose yo mu ntara za Kayanza, Kirundo, Ngozi na Bururi mu ntumbero yo kubashigikira mu gutabariza abakorewe amabi afatiye ku gitsina;
  • Itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’imigambi yo gushigikira imiryango ifise amikoro make biciye mu kubarungikira amafaranga dukoresheje terefone ngendanwa,

Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka na Nyakubahwa Icegera c’Umukuru w’igihugu c’uburundi Prosper BAZOMBANZA

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →