27 juillet 2024

Bushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Buri kukivi

Kuri uyu wakabiri igenekerezo rya  7 ntwarante 2023 muri komine Isare Intara ya Bujumbura,  Nyakubahwa BARANYIZIGIYE  Jacqueline Umuyobozi mukuru ajejwe gusubiza muzabo abazitesheje ari kumwe na Nyakubahwa Niyonzina Yohani Berekimansi  Umuyobozi ajejwe gufasha abatishoboye n’abahuye n’ibiza mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira baragendeye intara ya Bujumbura muri Komine Isare, kumutumba wa Kibuye Agacimbiri Musave II, aho hari umusozi washungurutse ugahitana amazu n’imirima vy’abenegihugu. Ivyo bikaba vyaturutse kumvura yaguye  kumunsi w’imana igenekerezo rya 5 ntwarante 2023, aho nga yamaze igihe c’isha irenga.

Amazu yabomotse akaba ari 22 hari;zo cumi yasenyutse aratwarwa ayandi nayo akaba yarasadutse.

Imiryango igera ku 110 ikaba ariyo isavye indaro mubabanyi kubera ko ataho bafise bakika umusaya.  Umuyobozi mukuru ajejwe gukinga Ibiza n’isibe mubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati akaba yavuze ko hagiye gukorwa inama kuri uyu wa gatanu kugirango barabe icokorwa muntubero yo gushigikira abo benegihugu.

Umuhinga mu bijanye n’ihindagurika ry’ibihe akaba yaravuze inyifato abanegihugu bogira mugihe bababonye ibimenyetso vyigaragaza nko guhengama kw’ibiti canke ibitoke.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →