16 janvier 2025

Igikorwa co kurera abana canke abagendana ubumuga mubigo ni igokorwa co kwitanga

Iyo ikaba ari imwe mu nyishi za nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere Igenekerezo rya 24 ndamukiza 2023 i Gitega mu kiyago co guhanahana ivyiyumviro n’abarongoye ibigo vyakiriye abana b’impfuvyi, abagendana ubumuga hamwe n’abageze mu za bukuru ku kungene bokwitunganiriza neza imigambi yo kwitez’imbere.

Yavuze ko Ibiganiro nk’ivyo hamwe n’ikiyago nk’ico, biri mu migabo n’imigambi  ya “Reta Mvyeyi – Reta Nkozi” yihaye yo kwama na ntaryo yegera abenegihugu mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku biriko birarangurwa mu gihugu, kuntambamyi bahura nazo hanyuma bagaheza bagaca barabira hamwe ukuntu bozitorera umuti mu ntumbero yo gutunganiriza abo bajejwe kugira boroherwe muri vyose na hose.

Ati “ni muri iyo ntumbero rero Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira kubera ko muvyo bujejwe harimwo gushigikira no gutunganiriza imigambi yo kwitez’imbere abafise amikoro make b’uburyo bwose, aha akaba yavuze impfuvyi n’abapfakazi, abagendana ubumuga butandukanye, eka n’abageze mu za bukuru twashimye guhurira muri kino kibanza uno munsi, kugirango tuyage ku bijanye n’ibikorwa turiko turarangurira iyo migwi”.

 

Akaba yabashimiye cane kuko ibikorwa bakora ari ibiza vyunganira ubwo Ubushikiranganji muvyo busanzwe burangurira abenegihugu, gutyo ngo bakaba nabo baba bariko baraterera Reta agacumu k’ubumwe mu migambi yayo yo kwitaho buri Murundi wese.

Yongeye aramenyesha abri aho ko ari kuri iyo mvo rero na Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bujejwe gushigikirana yagize akigoro ko kubasubiriza mu ndumane mu kubater’intege biciye mu kubashigikira no kubasahiriza mu kubaha agatererano kayo buri mwaka.

Intumbero y’iyo nama kukaba kwari Guhahanahana ivyiyumviro ku bikorwa basanzwe barangura, intambamyi bahura nazo ndetse n’icokorwa kugira tuzitorere umuti.

Bavuganye kandi ibijanye ingene bovyaza umusaruro agafashanyo Reta isanzwe ibaha kugira uburyo bakoresha bwiyongere na cane cane ubu hibonekeza ko abo bahora bita abagira neza bagiye barakuramwo akarenge.

Bamwe mu barongoye ivyo bigo bakaba basiguriye abandi ivyo bamaze kurangura bakoresheje uburyo bahabwa n’Ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Akaba yahamagariye abaserukira ubwo bushikirangnji muntara zose kuza baregera imiryango ifise ibibazo, ari naho kenshi usanga hava abana baja mw’ibarabara, canke bagakenerwa kurererwa muri bene ivyo bigo.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →