8 octobre 2024
Imelde Sabushimike JIPH

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGENDANA UBUMUGA, UMWAKA W’2020

  1. Kw’igenekerezo rya 3 Kigarama ukwo umwaka utashe, Uburundi burifatanya n’ayandi makungu muguhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga kw’isi yose.
  2. Icivugo Mpuzamakungu c’uyu mwaka ni “ TWUBAKE TUGANA ISI, INYUMA Y’IKIZA CORONA VIRUS IDAKUMIRA, AHO UMUNTU WESE ASHIKIRA ITERAMBERE RIDAKUMIRA KANDI RIRARAMA” mugihe ngaha mu gihugu cacu twahisemwo icivugo kivuga giti :DUKURE INZITIZI ZOSE ZIBUZA ABAGENDANA UBUMUGA GUSHIKIRA ITERAMBERE RIDAKUMIRA KANDI RIRAMA“.
  3. Turanezerejwe cane n’ukwo uyu musi ushitse hamaze kujaho Umugwi w’igihugu ujejwe gukurikiranira hafi ibikorerwa vyose abagenda ubumuga butandukanye.
  4. Naho hariko harakorwa vyinshi, aha twovuga nko kugorora n’ukuronsa abagendana ubumuga ibikoresho vyo kwiyunguruza, ukubigisha imyuga itandukanye no kubaronsa ibikoresho bijanye n’imyuga bize, gushigikira Ibigo n’Amashirahamwe vy’abagendana ubumuga mu kubaronsa uburyo bujanye no gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere, itanguzwa ry’inyigisho zidakumira abagendana ubumuga ku mashure amwamwe, n’ibindi, impinga iracari ndende uravye ingene abagendana ubumuga bangana hamwe n’ivyo bakeneye ufatiye k’ubumuga bw’umwumwe wese. Aha rero, vyaba ibisata vya Leta ndetse n’abo bose bajejejwe iterambere ry’abenegihugu, abikorera utwabo n’abenegihugu badasigaye inyuma,  umwe wese mubimuraba, dusabwa gushira inguvu hamwe kugira ngo dushire mu ngiro ngiro ya politike n’indiganizo y’ibikorwa twavuga aho hejuru biciye ubwa mbere mu kwerekana urupapuro rw’inzira duhurijeko.
  5. Imbere yo gusozera, twashaka twongere gushimira abantu bose, ibigo vyose n’amashirahamwe atandukanye bitanga batiziganya mugushigikira benewacu bagendana ubumuga, dusaba n’abandi bose gufatira kuri ako karorero keza.
  6. Ibirori nyamukuru bikaba bizoba kuri uwu wa kane kigarama, bikazorangwa n’ukwugurura icese inyubako ziginewe inkino z’umupira w’amaboko kubagendana ubumuga, izo nazo zikaba ziri muri Zone Ngagara ya Komine Ntahangwa iri mu Gisagara ca Bujumbura. Dusabwe twese gusidukana n’iyonka gushigikira benewacu bagendana ubumuga. Ku bagendana ubumuga aho baherereye hose, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!!

                                       Murakoze cane, Imana Ibazigame!!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →