26 avril 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU GUHIMBAZA ISABUKURU Y’IMYAKA MIRONGO ITATU N’ITATU IRANGIYE HEMEJWE AMASEZERANO MPUZAMAKUNGU YUBAHIRIZA AGATEKA K’ABANA

  1. Kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo uno mwaka w’ 2022, Uburundi buzokwifatanya n’ibindi bihugu mu guhimbaza isabukuru y’imyaka 33 irangiye hemejwe amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’umwana yemejwe n’inama ya ONU kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 1989.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)
  1. Uburundi bukaba bwemeje ayo masezerano mu mwaka w’i 1990 kandi kuva ico gihe tukaba twama tuyahimbaza turi kumwe n’abasanzwe badufasha bakorera mu vyo gukingira no kwubahiroza agateka k’abana.

 

  1. Mu kwemeza ayo masezerano, igihugu cacu ciyemeje guharanira agateka ka zina mwana mu kugwanya ico cose giteye kubiri n’ineza y’umwana.

 

  1. Muri uno mwaka, uwo munsi Mukuru uzohimbazwa ku civugo kigira kiti « Twirinde ikumira iry’ariryo ryose kugira abana bose babeho neza ngaha mu Burundi».

 

  1. Kukaba nkako, iki civugo catowe hisunzwe intambwe Reta y’Uburundi imaze gushikako mu vyerekeye gukingira umwana mu bisata vyose hisunzwe kuraba ko umurwi w’abana uwu canke uriya udakumirwa muri ivyo bisata.

 

  1. Reta y’Uburundi rero yarafashe ingingo zitandukanye zigwanya ikumira iry’ariryo ryose, maze izo ngingo zigaheza zikorohereza abana bose harimwo abagendana ubumuga, ba nyamwema, abana bakozweko n’ibiza, abana b’impunzi, tutibagiye n’abana bava mu mirwi y’inkehwa.

 

  1. Aha twotanga akarorero k’igikorwa turiko turakora co gufasha abana b’abatwa aho bari hose mu gihugu  bashoboye kuronka amanota abaha uburenganzira bwo kwiga mu mashure afise uburaro, mu kubaronsa ibikoresho vy’ishure n’ibindi vya nkenerwa vyose  bibafasha mu mibereho yabo mu gihe bari mur’ayo mashure.

 

  1. Ibirori vyo guhimbaza iyo sabukuru ya 33 y’amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka k’abana bizorangwa n’ikiganiro kizoba hagati y’Abubahwa batandakanye baba mu Burundi hamwe n’abana bava mu mirwi yose harimwo abagendana ubumuga, abava mu mirwi y’inkehwa, abakozweko n’ibiza bitandukanye n’abandi.
  2. Ivyo biganiro bikazoha akaryo keza abo bana kogushikiriza akababakiye, bongere bashikirize ibisabo vyabo ku zengo nkuru  ku ngorane bahura nazo.

 

  1. Ibirori nyamukuru rero bijanye n’uyo munsi mukuru bizobera mu ntara ya Cibitoke kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo uno mwaka bikazotangurwa n’urugendo ruzogirwa n’abana hamwe n’abakuze bazoba bitavye urwo rubanza.

 

  1. Duteye akamo abenegihugu bose, abo mu ntara ya Cibitoke na cane cane abana, ngo bazosidukanye n’iyonka mu kuza guhimbaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana.

 

  1. Turipfurije umunsi mukuru mwiza abana bose !

 

IMANA IBAHEZAGIRE,

MURAKOZE!!

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →