19 avril 2024

Iyo amahoro ahungabanye, iterambere, ubutunzi, imibano, imigenderanire birasubira ‘inyuma nk’ibirenge

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo rya 17 gitugutu 2022 i Gitega, igihe yariko arugurura uruganda rw’inyigisho z’agateka ka zina muntu  zigenewe abahanuzi bo mu ma komine, abatware b’amazone n’abaserukira ikigo c’iterambere ry’ingo n’imibano mu ma komine yo mu Ntara ya GITEGA mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe amahoro muri uno mwaka w’ 2022.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yvuze ko Uburundi bwama  bwifatanya n’amakungu mu guhimbaze umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe amahoro usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga uk’umwaka utashe, akaba ari muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwatunganije izo Nyigisho.

Yamenyesheje ko uwo uwo munsi washizweho n’inama nkuru ya ONU mu mwaka wa 1981 mu ngingo yayo ya 36/67 ihamagarira amakungu yose guharanira amahoro no kuyatsimbataza, ikongera igashinga ko uwo munsi woharirwa gukomeza ivyiyumviro vy’amahoro mu bihugu vyose no mu bantu bose.

Bamwe mu bitavye izo Nyigisho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje kandi ko uno mwaka, inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yashinze ko uwo munsi uzoharirwa gukomeza ivyiyumviro vyo kuvavanura n’amacakubiri ashingiye ku rukoba, hakubakwa amahoro.

Ati ni umunsi uhambaye cane kuko ariko kanya ko kwirimbura kuvyerekeye gutsimbataza amahoro ku bihugu vyose ari nako guca yibutsa abari aho ko icivugo mpuzamakungu c’uyu mwaka kivuga kiti : “DUSEZERERE AMACAKUBIRI AFATIYE KU RUKOBA MU KUBAKA AMAHORO ”.

 Ngo Kukaba nk’ako, ntawokwirengagiza ko amahoro kw’isi yose ari karahara mu ruganda ntibacure kuko ata mahoro ahari nta terambere rishoboka .

Niko guca asigura avuga ati: “Twese turazi ko mu bihugu vyose vyo kw’isi iyo hari akarenganyo, ubusumbane imbere y’amategeko, amahoro arahungabana”. Kandi ngo “Iyo amahoro ahungabanye, iterambere, ubutunzi, imibano, imigenderanire birasubira ‘inyuma nk’ibirenge kandi n’agateka ka zina muntu kaba gahungabanye”.

Yaboneyeko kwibutsa abari aho ko mu Burundi ibirori bijanye n’uyo musi bitaratunganywa kubera ibikogwa vyishi vyagiye birahurirana ku masango bari bipfuje, ariko yuko mu gihugu cose harangwa umutekano, n’abenegihugu bariko bakora ibikorwa vy’iterambere ata nkomanzi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’Umuhanuzi wa Buramatari w’Intara ya Gitega ajejwe Imibano, inkino n’imico kama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nubwo Uburundi bwakozweko n’ikiciza ca Covid-19 nk’ibindi bihugu vyo kw’isi, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko abeneguhugu bakomeje guhangana naco no kugituza, ngo ni naco gituma, uno munsi ushitse ico kiza cararwanijwe kurugero rushimishije maze Leta Mvyeyi kandi nkozi igakora bishoboka vyose kugirango ico cose cotosekaza amahoro ikigwanye mu buryo bwose, aca aboneraho gusaba abenegihugu kubandanya gukurikiza impanuro zitangwa n’ibisata bijejwe amagara y’abantu.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yacIye yibutsa abari aho ko Hejuru yuko hariho icivugo mpuzamakungu, mu Burundi bahisemwo icivugo, kivuga giti :«TUGWANYE IVYO DUTANDUKANYA, DUHARANIRE  AMAHORO  ».

Ngo Reta y’Uburundi yama ikora itiziganya kugira ngo agateka ka zina muntu kamenyekane kandi kubahirizwe.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yaciye adondagura bimwe bimwe mu vyaranguwe na Reta ati: “Yarashizeho ibigo bijejwe guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu, harabayeho isubirwamwo ry’itunganywa ry’amategeko atandukanye no gukuraho igihano co gupfa”.

Bamwe mu bitavye izo Nyigisho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE arashima cane n’ugwego rw’abahuza bo kumutumba ruheruka kujaho, rugizwe n’abagabo n’abapfasoni bitorewe n’abenegihugu kugirango bababere abahuza ngo akaba yizeye yuko ugwo rwego ruzoterera cane mubijanye no gukinga amatati, ari nako gusaba abari aho kubatera intege ngo ntihagire abobabera intambamyi mubikogwa vyabo.

Yarongeye ati ni « Ni no muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira bwama butunganya inyigisho z’agateka ka zina muntu  harimwo n’uburenganzira bwo kubaho mu amahoro zigenewe abenegihugu bo mu mice itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi ».

Yavuze kandi ko muri kahise, vyibonekeje neza ko kutamenya no gukengera ibijanye n’agateka ka zina muntu vyatumye hakorwa ibikorwa vy’ubuyobe, maze bituma kandi ababa kw‘ isi babona ko hakwiye gufatwa ingingo zotuma akabi kabishe nk’ako katokongera kubaho kw’isi.

Bamwe mu bitavye izo Nyigisho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ivyo rero ngo bigaca bigaragara mw‘Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu ari naryo fatiro ry’ubundi burenganzira bwose bwa kiremwa muntu.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE ati: « Twahisemwo gutanga izi nyigisho kuri mwebwe mu bikorwa vya minsi yose mujejwe kwakira no gutunganiriza abenegihugu babitura tudasize inyuma gutatura amatati bidaciye mu ngimba. Aho mubaye mukibano turazi yuko hariho abagabo bagikubita abo bubakanye, mbere no kubica bakabica, aha mwarumvise ibimaze imisi bishika mu ntara zimwezimwe.

Mubisagara murabona abana biyerereza, abatama n’abatamakazi basegerereza kandi batabuze abo bafasha mukibano.

Ivyo vyose bitegwa n’uko hariho abavyeyi badohotse kw’ibanga ryo kurera. Ingaruka n’uko bihungabanya umutekano w’igihugu. Turashima cane ivyakozwe ngaha mu ntara y’agitega mubijanye no kugwanya iyo ngeso yogusegerereza naho n‘ubu itarahera neza ».

Claphe Christine NTUNZWENIMANA, Umuyobozi mukuru w’infatakibanza ajejwe agateka ka zina muntu (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Rero ngo birakenewe cane rwose ko mumenya ibiri mu mategeko mpuzamakungu ndetse nayo ku rwego rw’igihugu bikingira kandi bigateza imbere agateka ka zina muntu na cane cane ko kubahiriza no gushira mu ngiro ayo mategeko bisaba ishaka no kwitanga  vya buri wese.

Mwomenya ko abakurikiranye izo nyigisho bize ibijanye n‘:

  • Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu;
  • Uburenganzira bw’ imigwi y’abantu bafise ingorane bisangije ;
  • Uburenganzira bwo kubana mu mahoro ;
  • Kugira uruhara nk’umwenegihugu.

 Yarangije asaba abakurikiranye izo nyigisho kuzozishikiriza abo bakorana ibikorwa vya minsi yose maze ngo ubumenyi bungutse  bubafashe kubahiriza agateka ka zina muntu muri rusangi.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →