25 avril 2024

Gushigikirana mu Burundi ni umuco mwiza wamye uranga abarundi ku na rindi

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 nzero 2022, mu gisagara ca Bujumbura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarifadikanije na Nyenicubahiro Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu mu gushikiriza noheri n’umwaka mwiza ibigo bireze impfuvyi mu gihugu cose na ba ntahonikora mu mugambi wo kurwanya gufungura nabi (Malnutrition zéro) aho baronkejwe imfashanyo y’ibifungurwa bitandukanye.

Ivyatanzwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ivyo bifungurwa vyatanzwe na OPDD-Bururndi hamwe na Fondation « Umugiraneza » bikaba vyari bigizwe n’ibiro 700 vy’ifu y’ibigori, ibiro 140 vy’ifu y’ingano, ibiro 350 y’umuceri, ibiro 350 vy’ibiharage, ibiro 50 vy’isukari, ibiro 125 vy’ifu y’ubuyi, ibiro 35 vy’umunyu, amalitiro 120 y ‘amata y’ivyufyu, hamwe n’amalitiro 50 y’amavuta yo gukinjika kuri buri kigo cari caserukiye intara.

Jimmy HATUNGIMANA , Umukuru w’igisagara ca Bujumbura (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ry’ikaze, Nyakubahwa Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy HATUNGIMANA  yarashimiye cane Nyenicubahiro Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu kw’iteka amaze imisi atera igisagara ca Bujumbura mu kukigendera na cane cane ku nfashanyo y’ibigo vy’impfuvyi n’abagendana ubumuga yashimye ko yotangirwa mu gisagara ca Bujumbura.

Yaciye aboneraho gusaba abanyagisagara ca Bujumbura kwitabira wa muco wo gushigikira mu kibano.

Umusaseredoti arongoye ikigo c’impfuvyi c’i Bubanza (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Umusaseredoti arongoye ikigo c’impfuvyi c’i Bubanza yarashimiye cane Umutambukanyi wa nyenicubahiro Umukuru w’igihugu, ku mfashanyo babaronkeje, aca agirako amusabira imigisha n’imihezagiro mu mirimo ya misi yose, kuko ngo atarindi shimwe boronka bomusubiriza munkoko.

Angeline NDAYISHIMIYE, Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe mw’ijambo ryiwe, Angeline NDAYISHIMIYE, Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, yamenyesheje ko intumbero bari bihaye yo gusangira akanyamuneza ka noheri n’umwaka mushasha 2022 amarerero yose ari mu ntara zitandukanye z’igize igihugu cacu, ivyo navyo bikaba barangutse.

Yarongye kandi aravuga ko ishirahamwe OPDD-Burundi ryiyemeje kurwanya indwara ziturutse kugufungura nabi mu kiringo c’imyaka 5.

Bamwe mu bari bitavye ico gikorwa (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ati ni co gituma ryafashe intumbereo ryo gushigikira bimwe biboneka ibigo bitunze impfuvyi, kuko ngo harimwo ibidashobora kubagaburira neza. Akaba yarashimiye abarongoye ivyo bigo, yongera abasabira kubigiriramwo imigisha.

Yaranaboneyeho kumeyesha ko bantahoniko bagera 50 bo muri komine NTAHANGWA baronkeje nabo nyene iyo nfashanyo.

Ico gikorwa co gushigikira akaba yamenyesheje ko bamaze kukirangurira mu ntara ya Muramvya na Bujumbura, none kuri uwo munsi yashimye ko abarongoye ibigo bose biyizira kuyitora mu gisagara ca Bujumbura.

Abenegihug bo muri Socarti bari bitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarashimiye cane Reta y’Uburundi yo idahengesha gukora ibicishije mu Bushikiranganji bujejwe Gushigikira, ubw’amagara y’abantu n’intwaro yo hagati mu gihugu kugirango abenegihugu bagire amagara meza, kandi bashikire iterambere rirama.

Yarangije ashimira abashigikira Uburundi, aho yatanze akarorero k’amashirahamwe ya  PAM, UNICEF na OMS, ku bikorwa barangurira mu gihugu c’Uburundi eka n’ayandi yose.

Yarashimiye cane kandi abenegihugu bamwakiranye urwese, ahereye ku bajejwe intwaro muri Komine no mu gisagara ca Bujumbura.

Angeline NDAYISHIMIYE, Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ariko aha akaganuke abanyeshure bari bitavye ivyo birori

Mwomenya ko nk’umuvyeyi nyene yaciye aha amata yose yari yasigaye mu bubiko abanyeshure bari baje muri ivyo birori kugirango basubire mu mashure banonokewe.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →