Uwo ni umwe mu myibutsa Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yisunze mu guhamagarira abenegihugu bo muntara ya Kirundo komine Busoni kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2023, aho yari yabagendeye yongera aratanga imfashanyo y’ibifungurwa bingana n’itoni 4 kubafise amikoro make bagera ku 400.
Yahamagariye abo benegihugu kuja kukivi kugirango babone ingene bokwibeshako batarinze kuja guca ingero.
Ivyo rero ngo umuntu aca ingero kuko aba afise amagara meza, ngo mugihe akitswe n’amagara bica bigorana, ari nako guca ahamagarira abo benegihug kuja hamwe mumakoperative.
Yaranabibukije ko ingo zose bokwitwararika kugira uturima tw’igikoni, maze aho bahora batera ivyatsi hose bahashire imbona zishobora kubafasha.
Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE akaba yabamenyesheje ko baje bitwaje ako gakemanyi kuko ubwo bushikiranganji bujejwe abafise amikoro make, maze ngo abitavye ibiganiro bari bagiraniye, basubiye inyuma, baronke ico bashira kumunwa.
Yanashimiye Imana kubona umwimbu wagenze neza, ari nako guca asaba abo muri iyo ntara, mukibano, ahari abageze muzabukuru na bantahonikora, ngo babaronse utwo basaguje kuvyo bimbuye, kurya Imana yabahaye ngo nabo bagire uwo mutima wo gutanga.
Yoboneyeho gusubira kwibutse abari aho ko ntahonikora ari urya adafise koko aho yikora, adafise ubwenge canke ibihimba bikwiye, nayo ngo uwufise inguvu arashobora kuzikoresha agaheza akava muri uwo murwi wa ba ntahonikora.
Mwomenya ko ico gikorwa yakiranguye inyuma y’Ibiganiroro yagiraniye n’abenegihugu bo muri iyo ntara ari kumwe n’abandi bashikiranganji bane, uwujejwe Indero, uwujejwe amagara y’abantu, uwujejwe amasoko ntanganguvu hamwe n’uwujejwe uburimyi n’Ubworozi.