19 avril 2024

« Tubazaniye umutahe w’ibanze kugira muje kukivi, murwize umwimbu »

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Gitugutu 2022 mu ntara ya Ruyigi, igihe yariko aratanguza igikorwa co gufasha ba ntahonikora batandukanye 36 kuva mu bukene, aho yabashikirije umutahe w’ibanze uzobabatuma batangura ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Abo baronkejewe iyo mfashanyo bakaba ari abagendana ubumuga, abageze mu zabukuru, abakenyezi bahohotewe, abakenyezi b’abapfakazi, abakenyezi batunze imiryango bonyene, abakobwa bavyariye iwabo abafise indwara zidakira n’abandi.

Akaba yabashikirije ivyo bo nyene bamusavye umwe wese aravye ico yokora comwunganira mu ngorane afise yisangije.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yabashikirije amakinga basunika y’abagendana ubumuga (Chaise Roulantes), amabido 37 y’amamesa afise ilitiro 20 imwe imwe, imifuko 36 y’ibiharage ifise ibiro 40 umwe umwe, imifuko 24 y’Ibigori hamwe n’imifuko 22 y’Umuceri.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu mpanuro yabahaye harimwo kubandanya bacuruza n’ibindi mu kibano bazoba bakeneye, gutyo ngo nabo mu minsi iri imbere bazoheze bave mu bukene, basigare ahubwo batanga akazi ku bandi.

Yabasavye ko ivyo yabaronkeje batobifungura gusa ngo biherere aho, ahubwo ko boguma babigurisha bongera barangura n’ibindi bitandukanye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yabasavye kuzobikorana umwete kandi babikunze, aca abasabira n’imigisha kugirango bazobandanye batera imbere.

Abafashijwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yasavye kandi n’abakozi b’ubwo Bushikiranganji bakorera mu makomine kuzobandanya babakurikirana, haruhande y’ibindi bikorwa bari basanganywe.

Yarangije ashimira cane ishirahamwe HCR ryitaho impunzi kw’isi kuko ariryo ryafashe mu mugongo ubwo bushikiranganji muri ico gikorwa.

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →