29 avril 2024

« Agateka k’abana mw’ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukana bumenyi»

  1. Ico ni icivugo uburundi bwahimabrijeko Umunsi mukuru wahariwe umwana w’umuny’afika wakimbajwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 ruheshi, umwaka w’2023, mu gisagara ca Bujumbura.

 

  1. Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari nawe yari yateye iteka ivyo birori, yamenyesheje ko uwo munsi washinzwe n’Umuryango uhurikiyemwo ibihugu vy’ Afirika (Union Africaine), mu ngingo yawo CM/RES 1290, mu kwibuka abana bagandaguriwe i Soweto mugihugu ca Afirica y’epfo mu mwaka w‘1976, abo nabo bakaba atakindi bazize atari ukwo bariko barasaba uburenganzira bwabo bwo kuja mw’ishure nka bene wabo b’abazungu, ngo aho hari ku ntwaro karyanishamiryango yarangwa muri ico gihugu.

 

  1. Yavuze ko muntumbero yo kugwanira amateka agenga abana ata mwana n’ikinono, Ibihugu bigize Ubumwe bw’Afirika vyarashinze ko uko umwaka utashe, kw’igenkerezo rya 16 Ruheshi, ibihugu bihurikiye mw’iryo shirahamwe vyokwama vyibuka ivyo bibondo vyagandaguwe.

 

  1. Aho rero ngo hakaba hama hatorwa icivugo ufatiye ku bihe no k’ubutumwa umurwi wa Afirika ujejwe Agateka no kubaho neza kw’umwana uba ushaka gutanga, mbere n’abana bonyene ubwabo bagaterera mugutora ico civugo.

 

  1. Ari nako guca amenyesha ko icivugo catowe uno mwaka kivuga kiti : « Agateka k’abana mw’ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukana bumenyi».

 

  1. ico civugo nyene ngo nico uburundi bwahimbarijeko uwo munsi, ngo kuko kijanye n’ibihe bagezemwo aho  ubuhinga bwa none busigaye bukoreshwa cane mu bisata vyinshi bigize ubuzima bw’igihugu canke bw’abantu, aho usanga mbere n’ibikorwa vyinshi birangurwa hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi.

 

  1. Aha akaba yaciye atanga akarorero nk’igisata co kumenyesha no guhanahana amakuru, igisata c’ubudandaji, inyigisho, kwinezereza n’ibindi.

 

  1. Yavuze ati: “Kukaba nkako, ubuhinga ngurukana bumenyi ni kirumara ku muntu uw’ariwe wese kuko burafasha mw’iterambere ry’abantu hamwe n’iry’igihugu mu gihe bukoreshejwe neza. Burafasha kandi abana n’abavyeyi kumenya ibitari bike kubijanye n’agateka k’abana biciye ku mboneshakure, ku maradiyo, ku materefone, ku mamashini nyabwonko n’ibindi bikoresho vyifashishwa mubuhinga bwanone.”
  2. Hisunzwe urugero rw’abakoresha ku bwinshi ubuhinga ngurukanabumenyi, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, yavuze ko Reta y’Uburundi yifatanije n’amashirahamwe aharanira agateka k’abana, yahisemwo guhimbariza uwo u munsi mukuru mu gisagara ca Bujumbura kuri iryo genekerezo rya 27 Ruheshi, kugira yifatanye n’abana baho n’abo mu gihugu cose mu guhimbaza uwo munsi wabahariwe, ariko ngo bari kuwuhimbaza kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi nk’uko vyama, bikaba vyatumwe n’uko iryo genekerezo ryahuriranye n’ibindi bikorwa vy’igihugu bihambaye.
  3. Yabandanije amenyesha ko ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukana bumenyi rifitiye akamaro kanini abantu, Ariko ngo iyo budakoreshejwe neza buheza bugatosekaza agateka k’abana, maze ngo bigaheza bikibonekeza ahanini ku kungene indero y’abana isa n’iyiriko iratituka kubera ugusamara kw’abavyeyi aho usanga uruhara rw’abo rwo kurera no kwitwararika abana barusubirije imboneshakure canke amaterefone.
  4. Ntiyibagiye kuvuga ko mur’ubwo buhinga, abana baheza bakahakura ibibi n’ivyiza, aho mbere ngo hari kandi n’abavyeyi batwarwa n’ubwo buhinga ngurukana bumenyi, umwanya wo kwitaho abana ugaherera kuri izo mbuga; abana bakitabwaho n’abakozi canke bakirera bo nyene ubwabo bifashishije bwa buhinga bwanone.

 

  1. Akaba yaboneyeho gutera ivyatsi ben’abo bavyeyi hamwe n’abo bose bafise ingendo igayitse yo guhungabanya agateka k’abana b’Uburundi mu guha ikibanza c’ubuvyeyi imbuga ngurukanabumenyi, ngo Reta y’Uburundi ikaba irajwe ishinga n’abo bose bahonyanga agateka k’abana babicishije ku mbuga ngurukana bumenyi bakahacisha ivyambura agaciro abana, canke ibiterasoni hamwe n’ibibaca ivutu.

 

  1. Akaba yaciye atera akamo abarundi bose, amashirahamwe, yaba ayo ngaho mu gihugu c’Uburundi canke ayo ku rwego mpuzamakungu aharanira agateka k’abana, gukora bivuye inyuma, mu guhimiriza abana n’abavyeyi kugirango bose bahagurukire rimwe mu kugwanya inyifato mbi, mw’ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi zituma agateka k’abana gatosekara.

 

  1. yarateye akamo kandi amashirahamwe y’abahinga arongoye izo mbuga ngurukanabumenyi, gucungera no gukurikirana neza ibica ku mboneshakure, kuri za facebook, za whatsap n’ibindi kugira bibe ibigirira ikimazi abana n’abakuze, ha kuba ibibicira ubuzima na kazoza kabo, gutyo ngo abana bakurane iteka n’ubuntu, baze bavemwo abantu bakuze bashobora kwitez’imbere no gutez’imbere igihugu cabibarutse.
  2. Akaba kandi yarashimye cane ibikorwa vy’inzego zimwe zimwe za Reta hamwe n’amashirahamwe araba ivy’agateka k’abana abandanya kwitanga kugira ineza y’umwana yame ishirwa imbere.

 

  1. Aho kandi akaba yaradomye urutoke mugushimira cane abafise ibigo bitandukanye birimwo abana b’impfuvyi canke abana bafise ibibazo biharije, kukungene bitwararika ineza yabo, kuko ngo ari umuhamagaro udasanzwe.

 

  1. Akaba yarangije aha impanuro abana, ati: ”naho muhura na vyinshi bibagora, mwihatire kugumya indero runtu hamwe n’akaranga vyamye biranga umwana w’umurundi, mwirinde gutwarwa n’ivy’isi bibakwegakwegera mu ngeso mbi murahura hirya no hino muciye mw’ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukana bumenyi. Gukoresha ubwo buhinga ntivyari bibi, ariko mworeka gutwarwa na bwo, ngo mwibagire ibibafasha gutegura kazoza kanyu keza cane cane kwijukira amashure yo soko ry’ubumenyi nyabwo”.

 

  1. Imbere yo gutangura ivyo birori, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, akaba yarashikirije imfashanyo igizwe n’ibiro 1000 vy’umuceri ku kigo gifise abana b’impfuvyi Maison Cana co ngaho nye mu Buterere.

 

  1. Uwurongoye ico kigo Mama Isidora Barumbanze akab ayarashimye cane ukungene Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwama na ntaryo bubagarukira

 

  1. Mwomenya ko mugusozera ivyo birori, yahaye imfashanyo abageze muzabukuru bukuru basanzwe bafise ubumuga butandukanye, aho umwe wese yaronkejwe ibiro 10 vy’umuceri.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →