« Mu kirundi barayamaze bati: « Umukozi aberwa n’impembo », uyu musi twakoraniye hamwe ngo twiyuhe akuya, mukwipfurizanya umwaka mwiza w’2022 twongera duhimbariza hamwe umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 01 Rusama uko mwaka utashe. »

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushiliranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 6 Rusama 2022 i Bujumbura mu nama y’abakozi bose bakorera muri ubwo bushikiranganji, aho kabaye n’akaryo ko kwipfurizanya umwaka mushasha hamwe n’munsi mukuru w’abakozi.
Mwi’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarasavye abari aho gushimira Imana kubona bahuye bakiri bazima, kuko muri iyo mwaka hari b’ubwo Bushikiranganji bitavye Imana. Bakaba baciye babanza gufata umunota wo kubibuka.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yarakeje kandi yongera arakira abakozi bashasha baheruka kwinjizwa muri ya Banki nshasha y’abakenyezi (Banque d’Investissement et de Développement des Femmes au Burundi :BIDF).

Yarongeuye avuga at : « Twisunze amarimbura yagiye aratunganywa, biragaragara ko Ubushikiranganji bwacu bwagiye buratera intambwe ishimishije mu kuronka ibibanza biri mbere. Aha twashaka gushimira abakozi bose bitanze batiziganya ngo Ubu bushikiranganji bwacu buronke ibibanza vyiza kandi tubasaba ko bobandanya bakora neza kugira Ubushikiranganji bugumane ibibanza biri imbere ».
Afatiye ku burorero bw’amarimbura yabaye imwe mu mpera z’umwaka w’ibikorwa 2020-2021, yavuze ko ubwo Ubushikirangashi arongoye bwabaye ubwa mbere.
Ati Ico kibanza carongeye kiragarara mw’irimbura ryabaye mu bikorwa vyaranguwe mu gice ca mbere c’umwaka w’ibikorwa 2021-2022.
Yamenyesheje ko ivyo babikesha ubwira n’ububangutsi bw’abakozi b’ubwo Bushikiranganji, bobo atako batagira kugirango umwe umwe wese muvyo ajejwe abikore neza muntumbero yo gushikana Ubushikiranganji bwabo ku mwimbu ushimishije.

Naho baronse amanota meza muvyo bashoboye kurangura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko intambamyi zozo zitabuze kuko ngo haracariho ibibazo nyamukuru bamaze kwicarira mugabo bitaronka inyishu itomoye. Ivyo navyo akaba yadondaguye ibi bikurikira :
- Impinyanyuro z’amategeko agenga amashirahamwe INSS, MFP, ONPR kugira yisunge ibwirizwa rijejwe gukinga n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu ;
- Gukura burundu abana n’abandi basegereza mw’ibarabara dufatanije n’ubundi bushikiranganji ;
- Ihindagurika ridasanzwe ry’ibihe rikaba intambamyi nyamukuru ituma hagwa imvura y’umurengera itera imyuzure ;
- Gushigikira ba ntahonikora mu bijanye no kubavuza hamwe no kugarukira kubashikiwe n’ivyago ;
- Hamwe n’izindi

Akaba yaciye asaba abari aho bose ko gufata ijambo ngo bashikirize ibibabakiye mu kazi kabo ka misi yose, baheze baronke inyishu ku bibazo vyabo, kugirango bose basenyere ku mugozi umwe.
Abakozi batari bake bakaba barashikirije ibibabakiye, maze nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yunganiwe n’abayobozi bakuru akaba yaratanze inyishu zitomoye kubibazo vyose vyashikirijwe n’abakozi mu bisata bitandukanye.

Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE akaba yararonkeje ubushimwe abakozi 20 bacaguwe muri benshi, aho baronkejwe akabahasha hamwe n’urupapuro rw’iteka.

Abakozi bahurikiye muri ubwo bushikiranganji nabo nyene bakaba barasgikirije akaganuke nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE asanzwe abarongoye ku mwete n’ubwira yerekanye nk’indongozi ibushitse.
Mwomenya ko inyuma y’ivyo birori n’inama haciye hakurikira kwipfurizanya umwaka mushasha n’umunsi mukru w’abakozi n’akazi mu gusangira akavunamusase.