27 juillet 2024

« Abana b’abatwa bose bazotora ikibazo ca Reta Examen d’état bazoronka bourse baje kwiga hanze »

Vyavuzwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 nzero 2023 ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi ahoa yariko yishura kubibazo vy’abenegihugu muri rwa rukurikirana rw’ibikorwa vy’abashikiranganji bariko bakora muntara zoze.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yari yabajijwe kubijanye n’ibiriko birakorwa kugirango imiryango y’abana b’abatwa nabo baje kurugero rw’abandi Barundi.

Banashikirije ko hari imiryango myinshi usanga ibanye ariko itanditswe mu bitabu ndangamuntu (Etat civil), ariko guca asaba ahubwo bogenda bakabahimirize kugirango bashinge izabo biciye mu mategeko.

Ngo kubera hari uburyo busabwa kugira bandikishe ubugeni, yamenyesheje ko ntawenikora w’ukuri ataburyo n’ubundi yoronka bwo gutanga ngo yandikishe ubwo bugeni, arikoo ngo nibabitegura, ubushikiranganji buriteguye kuja kubashigikira mbere bugende bwitwaje n’agakemanyi.

Niko guca yibutsa abari aho ko reta iriko ikora utwigoro tudasanzwe mu gushigikira aimiryango y’abatwa, aca avuga ko umushikiranganji mugenziwe ajejwe indero yamenyesheje ko abana b’abatwa bose bazotora ikibazo ca Reta (Examen d’état) bazoronka bourse baje kwiga hanze y’igihugu.

Yaciye asaba abavyeyi nabo kugerageza ngo baze baraterera kugirango abana babo bige neza, ngo barabona ko reta iriko iragira utwigoro tudasanzwe ku bana b’abatwa.

Nayo kukibazo kiraba ivyo gutegekanya kazoza, yasavye ko umuntu wese yokwikotiriza kugirango ni hagera aho akukuruka vyorohe kuronka ikimusahiriza.

Kukibazo c’abakukuruke babajije ngo ni ryari ivyoNyenicubahiro yavuze bizoshirirwa mungiro, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yamenyesheje ko hariho umurwi wakoze icegeranyo kubakozi bahoze bakorera abikorera ivyabo, ngo ntibibagiwe, biracirwa n’urya murwi washizweho kugira uvyige ngo kandi uwo nawo wari washizweho n’umushikiranganji.

Ikibazo c’umwenegihugu yashikirije ko ariko aratotezwa akabura aho aba, yavuze ko abajejwe intwaro hamwe n’ab’ubutungane kugirango baheze bagire ico babikorako. ati niba ari ikibazo c’uko yoja mubazohabwa amatongo, yoheza agahabwa mubandi.

Kuwasavye ko agahembo k’abakukukuruke badizwa agahembo, yavuze ko aho ari ikibazo c’amategeko kugirango barabe ko bishoboka. Ku rugero rw’ubushikirangnji, mu gihe bidasaba ko bija hejuru, ngo biraheza bigashoboka.

Kukibazo c’umukenyezi yasigaranywe abana n’umugabo kandi uwo mugabo akaba ari umukozi wa Reta, yasavye ko uwujejwe ubutungane yogira ico abivuzeko, baciye basanga umushikiranganji w’ubutungane ngo yaragikozeko. Ariko uwo mukenyezi akaba yivugiye ko atari yaje muri iyo nama kugirango agishikirize.

Ati « turakwiye gusenga cane Imana kugirango abarundi dukire kuko amatatai ararenze mu Burundi, tukagiranira urukundo, tukiga kuja mu kibanza ca bagenzi bacu, hakubatera ibibazo ».

Kubera ko ngo mu bushikiranganji bujejwe gushigikirana haza abantu benshi basaba ubufasha kandi muri abo ugasanga ngo hari abiyita ba ntahonikora kandi ataribo Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yasavye ko mu kibano bofasha kuraba ba ntahonikorwa vy’ukuri.

Nayo kukibazo c’Umuvyeyi yatoye abana batawe, akandi ari ntaho nikora, akaba atigeze yukbaka urwiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yavuze ko akwiye gushigikirwa kandi yaciye amumenyesha ko abajejwe igisata co gushigikirana muri ubwo bushikiranganji bazomufasha na cane cane kugirango abo bana basubizwe mw’ishure.

Yaciye aboneraho kwibutsa abari aho ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira buserukiwe muntara no mumakomine, ngo ntihazogire uwuzogira ikibazo ngo abure uwo yitura.

Akaba yangije aha ijambo uwuserukira ishirahamwe Mutuelle, uwo nawe ababa yavuze ahanini kukibazo c’abibaba cabonetse aho hari abantu biba bakoresheje kwiyandikira ku ma bons ya mutuelle bagaheza bakigana umukono w’abategerezwa gusinya kuri izo mpapuro, gutyo bagaca baja gusaba imiti muri pharmacie za mutuelle.

Mwomenya ko muri Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE azobandaniriza ibikorwa kuri uyu wa gatatu muntara ya CIBITOKE, inyuma y’intara ya Bubabanza, Bujumbura, Bururi, Rumonge, Makamba, Rutana, cankuzo na Ruyigi.

 

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →