29 mars 2024

ITANGAZO RY’UBUSHIKIRANGANJI BWO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU NTUMBERO YO GUHIMBAZA UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMUKENYEZI, Umwaka w’2023

  1. Igenekerezo rya 8 Ntwarante uko umwaka utashe Uburundi burifatanya n’ayandi makungu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.Uwo munsi udasanzwe ukaba washizweho inyuma y’imyiyerekano itandukanye y’abakenyezi  basanzwe  bakora ibikorwa bitobito mu mahinguriro bikorera utwabo bo muri Amerika yo mu buraruko nabo mu bihugu vya burayi basaba uburenganzira butandukanye harimwo no kwitabira amatora  muntango z’ikinjana ca 20. Ukaba wahavuye ushigwaho y’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabaye mu mwaka w’1977.

N’umunsi wo gusuzuma intambwe tugezeko muguharanira agateka k’umukenyezi n’ukurabira hamwe intambamyi dukwiriye guhangana nazo kugirango dushikire uburenganzira bumwe kuri bose hatisunzwe ubutandukane bw’ibitsina canke irindi kumirwa iryo ariryo ryose.

 

  1. Uyu mwaka w’2023, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu yawuhariye « ukwisuzuma kw’indongozi muvyerekeye uruhara rwazo mwiterambere ry’igihugu n’iry’abenegihugu>> kugira ngo indongozi zose mumice itandukanye babere abandi urumuri mw ‘iterambere. Indongozi  z’abakenyezi zihamagariwe gufata iyambere ariko kandi zitirengagije imico myiza yamye iranga umurundikazi.

 

  1. Muruno mwaka w’2023, umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyeze uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 08 ntwarante muntara ya CIBITOKE muri Commune BUGANDA ku kibuga c’umupira « Urunani » ku civugo kigira kiti :« Uruhara rw’indongozi mw’iterambere ry’ubuhinga ngurukanabumenyi ridakumira. ». Iki civugo kizofasha mugusuzuma ingaruka y’ukudashikira ku rugero rumwe ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi kw’iterambere ridakumira. bizofasha kandi gushira ahabona ineza yo gukingira agateka k’abakenyezi n’abigeme mw’ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi, mukubarinda canke nabo nyene mukwirinda  amabi y’urukozasoni aterwa n’ikoreshwa nabi ry’ubuhinga ngurukanabumenyi.

 

  1. Ukwezi kwose kwa Ntwarante, guhariwe umukenyezi. Ibikorwa bitari bike birategekanijwe kurangurwa:

 

  • Ibiganiro binyuranye vyo guhanahana ivyiyumviro bifatiye ku civugo;
  • Inganda zitandukanye zo kurabira hamwe icokorwa kugira ivyo guteza imbere agateka k’umukenyezi vyijukirwe cane cane muri iki gisata c’ubuhinga ngurukanabumenyi;
  • Kwitaba ibikorwa bigira 67 vy’umurwi w’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ujejwe   iterambere ry’umukenyezi bizobera new York muri amerika;
  • Ihimbazwa ry’umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi kurwego rw’igiugu, rw’intara ndetse no mu makomine.
  1. Tuboneyeho akaryo ko kwibutsa abakenyezi b’indongozi n’imboneza mu bisata bitandukanye vy’iterambere ry’igihugu cacu ko hari urubuga rw’ubuhinga ngurukana bumenyi rwerekeye umwidondoro w’uvy’ubushobozi n’ubuhinga vy’umukenyezi w’umurundikazi, tukabahamagarira kugwiyandikishamwo. Rwitwa umurundikazi.gov.bi

 

  1. Turateye akamo abenegihugu bose gufata uwu munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi nk’ akaryo ko kwirimbura, gushigikira no guharanira agateka ka zina muntu muri rusangi hamwe nako umukenyezi ku buryo bwihariye.

 

  1. Ndangije nipfuriza umunsi mukuru mwiza abakenyezi b’abarundikazi mwese, MURAKOZE!

 

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →