18 avril 2024

Abenegihugu bo muri Komine Muha bararonkejwe imfashanyo

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Rusama 2023 muri komine Muha yo mu Gisagara ca Bujumbura, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwarashikirije imfashanyo y’Umuceri ungana n’itoni 3 n’igice ku benegihugu bomuri iyo Komine bagize ibibazo biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe.

Nyakubahwa Jacqueline BARANYIZIGIYE, Umuyobozi Mukuru ajejwe gusubiza muzabo abaziteshejwe no gutorera umuti urama abahuye n’ivyago bitandukanye mu Bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira akaba yamenyeshejeje abo benegihugu ko agakemanyi baronkejwe bogashima uko kangana, ngo kovuye kumutima ubakunda, kuko ngo ubwo bushikirananji bwitaho abanegihugu bo mu gihugu cose bakenye ubufasha.

Yasavye ko abenegihugu boba bafise inzu zabomotse boduza ibigega maze Ubushikiranganji bukabaronsa amabati.

Aho kandi akaba yasavye ko n’inzu bokwubaka bokwisunga ivyumba bikwiye uko mumuryango boba bameze, afatiye ko hoba icumba c’abana b’abahungu, icumba c’abana b’abakobwa hamwe n’icabavyeyi, ndetse naho bateramira.

Nawe mumpanuro Jean Berchmans NIYONZIMA, Umuyobozi ajejwe gushigikira bantahonikora hamwe n’abahuye n’ivyago bitandukanye yabasavye ko batoca babigurisha ariko ko bobifungura kandi mu kugabura, bakabigira mumutekano ntangere.

Yasavye ko bohera ku miryango 18 amazu yabo yatwawe n’uruzi kanyosha hamwe n’abageze mu zabukuru bagera kuri cumi.

Ati abo dufasha ni benshi bahuye n’ivyago vy’imvura harimwo abo mu gatumba Reta yipfuza ko abahoze bapanga batosubira kuguma muri bo, boja gupanga ahandi, abaronse amazu nabo bagiye kuzokwimurirwa ahandi hadatwarwa n’amazi.

Uwurongoye iyo Komine ya Muha Umupfasoni Devote NDAYISENGA akaba yakengurukiye cane Ubushikiranganji bwo Gushigikira, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kubona bwashize mungiro igisabo yagiriye abo benegihugu.

Mwomenya ko imiryango amajana atatu na mirongo itanu n’ibiri ari yo yaronkejwe ivyo bifungurwa muri iyo komine ya Muha kuri uwo munsi.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →