20 avril 2024

Uwuteye intambwe Reta nayo iraheza ikamushigikira

Ivyo biri mu mpanuro za Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yahaye abenegihugu kuri uyu wambere igenekerezo rya 25 mukakaro 2022, ku musozi Mwico, zone Ruyaga, Komine Kanyosha intara ya Bujumbura, igihe yari yagiye gutera intege abakenyezi b’abatwakazi bahurikiye muri koperative AJBD isanzwe ikora ivy’uburimyi, akaba yari yagiye yitwaje ibivomesho hamwe n’amasuka agera kw’ ijana akwiye abanywanyi bose b’iyo koperative.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje abari aho ko iyo umwenegihugu agiye hamwe n’abandi, maze bagatera intambwe mu gukora ivyo bashoboye, Reta nayo ibicishije kubajejwe intwaro iheza ikabafata mu mugongo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko yabonye ubutumwa bwiza muri terefone y’ivyo bariko barakora, araheza aca ashima kwishikira kukivi kugira yibonere koko uko bimeze aheze abatera intege mu kubashigikiza ivyo bikoresho.

Ibikoresha bigizwe n’amasuka hamwe n’Ibivomesho vyashikirijwe koperative AJBD (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze kandi ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bukorana na bantahonikora, arinaco gituma yaciye asaba nyakubahwa Musitanteri wa komine Kanyosha kuraba ko hari amatongo yoboneka akaba aronswa abanegihugu bariko bakora imigambi y’iterambere.

Mu bibazo abo benegihugu bamushikirije, harimwo kubura uburaro bwiza hamwe n’ibikoresho vy’ishure ku banyeshure.

Abari bitavye ivyo bikorwa (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aho Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yabasavye kuduza ibigega maze Ubushikiranganji arongoye buheze bukubite inzu ibipfunsi bubaronse ibisakazo.

Yabahanuye kutagurisha amabati mugihe bayaronkejwe nk’uko ngo vyagaragaye mu myaka yahera, aho ababaha amabati, baca bagagurisha ngo ntakurara munsi y’amafaranga.

Nayo kukibazo c’ibikoresha vy’ishure, Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE   ko iyo abenegihugu bagiye hamwe mu mashirahamwe, baraheza bakaza barazinganya bukebuke, umwaka uhera bamaze gukwiza amahera canke ibikoresho vy’abanyeshure. ati « Nimutangure namwe guhera ubu, hazoshike mu mwaka uza atawe mugisaba ibikoresho vy’ishure vy’abana banyu ».

NTAHOMVUKIYE Géneviève, Musitanteri wa Komine Kanyosha (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarasavye ashimitse ko atamwana n’umwe yosigara atanditswe mu bitabu ndangamuntu, aho hari mbere n’abavuga ko batangishwa amafaranga y’amande kubacerewe kubandikikisha, ariko ivyo bikaba vyariyamirijwe na Mustanteri w’iyo komine NTAHOMVUKIYE Géneviève.

Uwo nawe akaba yarashimiye cane Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana kubona yishikiye kukivi akibonera uko abenegihugu arongoye bari ku murindi vy’ibikorwa vy’iterambere muri iyo komine, abatwa nabo badasigaye inyuma.

Uwurongoye iyo koperative AJBD NIYUNGEKO Pascal (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye iyo koperative AJBD NIYUNGEKO Pascal akaba yarashimye cane urugenda rwa Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira riri kuri uwo mutumba Mwico, aca aboneraho gusaba kubandanya babafata mu mugongo mu kubaronsa imbuto no kubasabira aho barimira handi hagutse.

Uwurongoye iyo koperative AJBD NIYUNGEKO Pascal (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko mu kurangiza urwo rugendo, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yagendeye ahari iyororero ry’ibitungwa vya komine kanyosha, aho hari ingurube zirenga 50, inka 3, intama 8 hamwe n’impene 4.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →