6 mai 2025

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMUKENYEZI-MWIRIMIZI, UMWAKA 2021

  1. Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranagnji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu, uko umwaka utashe, Uburundi burifadikanya n’amakungu mu guhimbaza Umusi Mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi-mwirimizi, washinzwe mu nama y’Isi Yose igira kane, yakoranije abakenyezi mu Bushinwa mu gisagara ca Beijing, mu mwaka 1995.

 

  1. Ico gihe uruhara rw’umukenyezi ntirwari bwashirwe imbere mu bihugu vyose. Iyo nama yari yatunganijwe ngo hihwezwe intambwe umukenyezi agezeko, hongere hashingwe n’imigambi nyamukuru yofatirwako kugira  abakenyezi batere imbere.

 

  1. Ihangiro nyamukuru y’ihimbazwa ry’uwo musi mukuru n’ukugirango uko umwaka utashe uruhara rw’umukenyezi-mwirimizi rwibonekeze mu kibano.

 

  1. Ni umusi mukuru uha abakenyezi-birimizi  akaryo ko kumenyekanisha ivyo bakora, haba mu vy’ uburimyi canke iyindi myuga. Bakaboneraho no gusabikanya ubumenyi, gushikiriza ivyiyumviro vyabo, ingorane bahura mu bikorwa vya misi yose, gutyo haboneke ivyipfuzo  ku vyohindurwa, canke ivyoshimikirwako kugirango bifashe Reta gufata ingingo  zibafasha kwisununura no gukomeza imigambi ibateza imbere.

 

  1. Hano mu Burundi uyu mwaka tuzohimbaza uwo Musi Mukuru twisunze icivugo gikurikira : « Dushigikire umukenyezi-mwirimizi mu twigoro akora tw’iterambere ». Ukazohimbazwa kur’uyu wa Gatanu igenekerezo rya 15 Gitugutu 2021 ku murwa mukuru wa Komine Giheta mu ntara ya Gitega.

 

  1. Ibirori vyo guhimbaza uwo Musi Mukuru bizotangurwa n’urugendo ruzogirwa mu mashirahamwe y’abakenyezi bafise ivyo baranguye bigaragara, kugirango biganire abandi ingene bakoresheje ubwenge n’ubukerebutsi mu kwiteza imbere, hanyuma habeho ukubatera intege ngo babandanye batera imbere nk’umuzinga, babere n’akarorero abandi.
  2. Turateye akamo abenegihugu bose hamwe n’abasanzwe baterera umuganda mw’iterambere ry’igihugu ngo bashishikare kwitaho bimwe biboneka ineza y’umukenyezi w’umwirimizi, we nkingi y’iterambere ry’igihugu.

 

  1. Duhamagariye abenegihugu bose, na cane cane abo muri Komine Giheta gusidukana n’iyonka mu kuza kwifatanya n’abakenyezi-birimizi mu birori vyo guhimbaza uwo musi mukuru wabahariwe.

 

  1. Turangije twipfuriza abakenyezi-birimizi bose Umusi Mukuru mwiza.
  2. Ni harambe iteka n’iterambere  vy’umukenyezi-mwirimizi mu Burundi.
  3. IMANA IBAHEZAGIRE ! MURAKOZE.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →