23 juin 2025

Ni ingendo nziza kumenyesha abenegihugu ivyo uriko urabarangurira

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 mukakaro 2022 i Bujumbura, Nyakubahwa Felix Ngandabanyikwa, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yararemesheje ikiyago n’abenegihugu bose bo mu gisagara ca Bujumbura aho yabashikirije imigambi myiza Reta y’Uburundi iriko ibarangura, kugirango ntihagire n’umwe asigara mw’iterambere.

Nyakubahwa Felix Ngandabanyikwa, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira 

Yarabamenyesheje ko mu mugambi ukomeye wo gukura abana n’abakuze basegerereza mu mababara, hari ibanki y’abakenyezi ifasha abayituye mu kubagurana ingurane, maze bagaheza bakikenura muvyo bakeneye batiriwe barasegerereza.

 

Yabamenyesheje ko iyo banki y’iterambere ry’abakenyezi itanga n’imitahe mito mito, andi ko Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana buzobafdasha gutungana iyo migambi kugirango yemererwe bitagoranye. yabahamagariye kuja hamwe n’abandi mu mashirahamwe n’amakoperative, gutyo biheze vyorohere ubwo bushikiranganji kubafasha kuronka umutahe bipfuza.

 

bamwe mu bari bitabiriye iyo nama bakaba barahawe ijambo aho  baronse akanya ko gushikiriza ivyo biyumvira ko ubushikiranganji bwobakorera.

Abenegihugu bitabiriye ibiganiro n’Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana bariko barashikiriza ivyiyumviro

Barashikirije ingorane nyishi harimwo kubura amafaranga yo gupanga eka mbere n’imitahe yobatuma baja hamwe n’abandi mu mashirahamwe n’amakoperative.

 

Nyakubahwa Felix Ngandabanyikwa, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (hagati)

Bakaba ariko barashimye cane kubona iyo nama itegurwa, aho bagiye batahuye ivyo ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira bwara burangurira abnenegihugu.

 

Mwomenya ko inama nk’iyo ibaye iyigira kabiri, inyuma y’iyo ubwo bushikirangnji bwaheruka gutunganiriza mu ntara ya Cibitoke, ahao bwari bwasiguriye abaserukira ibisata vyose bikorera mu ntara ya Cibitoke ivyo ubwo bushikiranganji burangurira abenegihugu.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →