19 avril 2024

« Turateye ivyatsi ivyatsi abavyeyi bibipfamutima baturubika abana, canke bakihekura, abandi nabo bagakorora inda »

Ayo ni amwe mu majamwo yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikira, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo rya 21 munyonyo 2022 i Bujumbura mu ruganda rwo kumenyesha ibimaze kurangurwa n’ibizokorwa mubijanye no gushira mungiro amasezerano yo gukingira agateka k’abana.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yagize ati « turateye ivyatsi abavyeyi bibipfamutima baturubika abana, canke bakihekura, abandi nabo bagakorora inda, bakica ibibondo vy’inzirakarengane» .

Yamenyesheje ko Igihugu c’Uburundi cama na ntaryo cifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru Mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo uko umwaka utashe.

Yavuze ko Uburundi bwateye umukono bwongera buremeza ayo masezerano mu mwaka w’i 1990 inyuma y’umwaka umwe gusa yemejwe kandi ko kuva ico gihe bwama buyahimbaza buri kumwe n’abasanzwe bashigikira igihugu bakorera mu vyo gukingira no kwubahiriza agateka k’abana.

Mu kwemeza ayo masezerano, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi ciyemeje guharanira agateka ka zina mwana mu kugwanya ico cose giteye kubiri n’ineza y’umwana.

Niko guca atanga yerekana ingingo zimwe zimwe zafashwe na Reta y’Uburundi zirwanya ikumira iry’ariryo ryose, maze izo ngingo zigaheza zikorohereza abana bose harimwo abagendana ubumuga, ba nyamwema, abana bakozweko n’ibiza, abana b’impunzi, tutibagiye n’abana bava mu mirwi y’inkehwa.

Aha akaba yatanze akarorero k’igikorwa ubwo bushikiranganji buriko burarangura co gufasha abana b’abatwa aho bari hose mu gihugu bashoboye kuronka amanota abaha uburenganzira bwo kwiga mu mashure afise uburaro, mu kubaronsa ibikoresho vy’ishure n’ibindi vya nkenerwa vyose bibafasha mu mibereho yabo mu gihe bari mur’ayo mashure.

Yongera avuga ko hari n’ibindi bikorwa hamwe n’imigambi myinshi ibandanya gushirwa mu ngiro, vyose bikaba bifise ihangiro ryo kurwanya ikumira ry’abana iry’ariryo ryose.

Ati « Ivyo vyose vyerekana ko Reta y’Uburundi atako itariko iragira kugira abana bose baronswe akaryo ko kuba mu burenganzira bwabo biciye mu bikorwa vyo kubakingira ihohoterwa, ugucurwa bufuni na buhoro, ikumirwa, ukutitwararikwa hamwe n’ayandi mabi ».

Abitavye inama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaboneyeho kumenesha itariki uwo munsi mukur mpuzamakungu uzohimbarizwakoku rwego rw’igihugu. Ati « Twihweje rutonde n’uburemere rw’ibikorwa vy’igihugu, kandi ko uwo munsi Mukuru wahuriranye n’umunsi w’Imana, ngaha naho iwacu tukaba ahanini hari abemera Imana, twabonye ko ibirori bijanye n’uwo munsi mukuru w’isabukuru mpuzamakungu ya 33 y’amasezerano yerekeye agateka k’abana twobishira kw’igenekerezo rya 25 munyonyo hariya mu ntara ya Cibitoke, aho mbere bizoterwa iteka n’Abubahwa batandakanye bo ngaha mu gihugu ».

Aca avuga ko bategekanya ko abana bava mu mirwi yose harimwo abagendana ubumuga, abava mu mirwi y’inkehwa, abakozweko n’ibiza bitandukanye n’abandi, bazoronka akaryo ko kugirana ikiganiro nabo Banyakwubahwa, maze ico kiganiro kikazoha akaryo abana ko gushikiriza akababakiye, bongere bashikirize ibisabo vyabo ku zengo nkuru ku ngorane zose bahura nazo.

Yranibukije ibiri mw’itangazo yashikirije kuri radio n’imboneshakure vy’igihugu mw’itangazo ryo guhimbaza uwo munsi twasohoye, aho yateye akamo abarundi bose, abo mu ntara ya Cibitoke na cane cane abana, ngo bazosidukanye n’iyonka mu kuza guhimbaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana.

Niko guca amenyesha intumbero y’urwo ruganada, ko ari kimwe murukurikirane rw’ibikorwa vyatunganijwe ngo hahimbazwe indwi yahariwe amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka k’abana wama  uhimbazwa k’isi yose buri mwaka k’igenekereze rya 20 munyonyo.

Abana bari bitavye Urwo ruganada (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba kw’izina rya Reta y’Uburundi yamenyesheje ko Muntumbero yo kubandanya Uburundi bushira mungiro ibiri muri ayo masezerano, buzobandanya gushira mungiro imigambi myiza iza ituma abana bose babaho neza kandi n’agateka kabo kakubahirizwa.

Aha akaba yaciye avuga ibijanye no kubandanya umugambi wo kuvura kubuntu abana bari munsi y’imyaka itanu hamwe n’abavyeyi bibaruka kubuntu,

Kubandanya kwigisha abana mu mashure y’intango k’ubuntu, kubandanya umugambi wo gukura abana mw’ibarabara kugira barererwe mu miryango,

Kubandanya gushigikira abana b’abatwa bashoboye gutora ikibazo ca Reta inyuma y’ishure nshingiro ubu bari mumashure afise uburaro,

Kubandanya kwitaho abana bagendana ubumuga butandukanye, haba mu kugorora abavukanye ubugaru canke ubundi bumuga harimwo abafise n’ubumuga bwo kurukobatwiba banyamwema.

Ati « Tuzobandanya kandi dushigikira imiryango y’ibaruka ubushuri muntumbero yo kuronsa ubuzima bwiza abo bana twongere tubandanye no gushigikira ibigo vyose bifise abana, baba abagendana ubumuga canke abana b’impfuvyi ».

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarongeye aramenyesha abari aho ko hari n’umugambi ugiye kuzoshirwa mungiro mu bushikiranganji bwacu wo kurwanya nyakatsi twise “Zéro Nyakatsi”, aho mu miryango ikenye gusumba iyindi batari bafise uburaro bwiza, abana bakabura aho bakika umusaya, bazoheza bakabaho neza mu gateka kabakwiriye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba kandi yibukije abari aho ko Reta Mvyeyi Leta kandi Nkozi irongowe na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Jenerari majoro Varisito NDAYISHIMIYE, irajwe ishinga n’uko abenegihu babaho neza, mu gateka kabo, tugaheza tugasabikanya ivyo imana yaduhaye ngo bidutunge twese ata numwe akumiriwe.

Ari nako guca amenyesha ko Uburundi bwashizeho politike nziza yo gukingira abana yama yanaguwe uko imyaka itanu iheze, ubu mbere bakaba bariko bashira mu ngiro iyo bashizeho yo kuva 20220-2024.

« Ni naco gituma mubona ko Reta y’Uburundi, ishigikiwe n’ibanki y’isi yose, iheruka kwemeza ishirwa mungiro ry’umugambi ugira 2 w’ibanki y’isi yose “MERANKABANDI”, umugambi vyagaragaye ko uza ufasha cane imiryango ya ba ntahonikora kuva mu bukene, maze abana bavuka muri iyo miryango bagaheza bakabaho neza nk’abandi bose ». vyavuzwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yaboneyeho gushimira bimwe biboneka ishirahamwe IRC rimaze imyaka itari mike rishigikira Uburundi mu gushira mungiro politike yo gukingira abana, mbere n’ubu bakaba batereye ngo ibi bikorwa vy’uyu munsi bishoboke, hamwe no gushimira Ubumwe bwa buraya ku ntererano yabo, kubona barashigikikiye iryo shirahamw ririko rishira mu ngiro umugambi Umwana mu muryango (UMMU), maze bazoshobore no kuwurangurira mu ntara zose zigize igihugu.

Ati ikibazo co agateka k’abana ni ikibazo kirava twese, nakare mu kurundi barayamaze bati “Umwana si uwumwe”.

Yateye akamo abo bose berwa n’ineza y’ibibondo kwama na ntaryo basenyera kumugozi umwe, mu kwiyumvira no gushira mu ngiro ingingo zose ziza zituma abana babho neza, kandi agateka kabo kubahirizwa.

Aho yaciye adudurirako amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF, IRC n’ayo mu Burundi atandukanye, ibigo vya Reta n’ivy’abigenga, kwama bisunga intumbero bahabwa na Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mu bijanye n’imigambi mishasha baza Barangurira abenegihugu.

Niko guca atera ivyatsi abavyeyi bibipfamutima baturubika abana, canke bakihekura, abanda nabo bagakorora inda, bakica ibibondo vy’inzira karengane.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE ntiyibagiye gushimira abaje baserukira Ubushikiranganji butandukanye bitavye urwo ruganda, bakaza kubashigikira kanatsinda ngo “turi kumwe twese birashoboka”.

Akaba yarangije ashimira abajejwe intwaro ahereye kuwaje aserukira Umukuru w’igisagara ca Bujumbura n’abo bafadikanije mu ntwaro, imyamira mabi, uwuserukira ikigo c’ingo n’imibano mu ntara, kuko aribo twama dufashanya mu gurutunganiriza abenegihugu na cane cane iyo hagize umwana bigaragara ko hari umwana yahohotewe.

Christophe KINSHASA, yaserukiye Umukuru w’igisagara ca Bujumbura (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Kinshasa Christophe, umuhanuzi w’Umukuru w’Igisagara ca Bujumbura ajejwe imibano n’imico kama akaba yashimiye cane nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana imibano, Agateka ka Zina muntu n’iterambere ridakumira kukungene yama na ntaryo yitaho ineza y’ibibondo, aca assaba abana kumushikiriza nk’umuvyeyi iryo bagona, baheze bamusabe kandi akizera ko nk’uko yama ngo atokwirengangiza akamo k’ibibondo.

Nyakubahwa Claude Bochu, asserukira umuryango w’ibihugu vya Buraya ngaha mu Burundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe nyakubahwa Claude Bochu, asserukira umuryango w’ibihugu vya Buraya ngaha mu Burundi yamenyesheje ko gukingira no kwubahiriza agateka k’abana ari ihangiro ry’umuryango w’ibihugu vya burayi.

Akaba yavuze ko mu nyaka iheze bashoboye gushigikira mu bijanye no gukingira abana ba nahonikora, mu bijanye n’amagara y’abantu, kandi ko guhera mu mwaka uza w’2023, ku ncuro yambere ngaha mu burundi, uwo muryango uzoshigikira umugambi mushasha  ujanye n’indero y’abana mu mashure shingiro aho bazoterera amahera angana n’imiriyoni 24 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Kubwiwe rero ngo indero niryo sko ryiterambere rirama.

Niko guca amenyesha ko imbere yuko umwaka uza uhera, umuryango w’ibihugu vya Burayi uzoba wamaze gushra umukono kumasezerano atatu hagati y’ishirahamwe IRC, Save the Children, Bibliothèques sans Frontières na SAD kugirango bashobore gutezimbere gukingira agateka k’abana kurusha.

Yavuze kandi ko Bazoshigikira umurongo wakira amaterefone kubuntu biciye ku numero itariha 116 isanzwe iri mu bushikiranganji bwo gushigikirana, bongere bashigikire igisata kijejwe kurwanya amabi afatiye kugitsina hamwe no gufasha urwaruka ngo rumenye uko rwokwiteza imbere.

PAOLO LUBRANO, asserukira ishirahamwe IRC ngaha mu Burundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

PAOLO LUBRANO, asserukira ishirahamwe IRC ngaha mu Burundi mw’ijambo rwiwe akaba yamenyesheje ibitari bike bimaze kurangurwa mu mugambi UMMU (Umwana mu muryango) washigikiwe n’Umuryango w’ibihugu vya Burayi, ugashirwa mungiro n’Ishirahamwe IRC.

Yavuze ko bafadikanije n’Ubushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuva mu mwaka w’2019 bashoboye gufasha mu ntata za Muyinga, Gitega, Bujumbura hamwe no mu gisagara ca Bujumbura bari kumwe n’ishirahamwe ryo ngaha mu burundi ryitwa  Dutabarane.

Yamenyesheje abari aho ko hagiyeho igitbu cerekana ukungene hoshirwa mungiro ibikorwa vyo gufasha gukingira abana muri izo ntara zine, aho imiryango 315 yigishijwe ibijanye no kwitaho ineza y’ibibondo, baraheza barasubiza mu miryango abana 406, nayo abana 41 bahoze mw’ibarabara bakaba ari bo basubijwe mu miryangao mu ntara ya GITEGA mu mugambi Umura Kibondo.

Ngo baratanze kandi n’inyigisho mu miryango 700 bongera barashigikirwa kuburyo bw’amafaranga, aho abavyeyi 2,260 ari bigishijwe, nayo abagera ku 60 b’abakorera bushake bakaba bazobandanya gutanga izo nyigisho mu kibano.

PAOLO LUBRANO yarongeye aravuga ko urwaruka 107 rwigishijwe ibijanye no kwitunganiriza imigambi imbere yuko bashigikirwa, izi nyigisho zikaba zararonkejwe n’abagize komite yo gukingira agateka k’abana.

Umwana yaserukiye abandi bana mw’ijambo ryiwe akaba yashimye ahanini ibikorwa vya Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, ingene igma yitaho ineza yabo.

Akaba yashimye cane ibikorwa vyaranguwe na IRC mu mugambi umwana mumuryango, baca basaba ko ahubwo uwo mugambi wobandanya ugakwira no muzindi ntara.

Mwomenya ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira aribwo na ntaryo  kandi ko Ihimbazwa ry’umunsi Mukuru wahariwe Agateka k’abano uzobera mu ntara ya Cibitoke kurwego rw’igihugu kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2022.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →