27 juillet 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI W’AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RYEREKEYE GUTANGUZA ICESE ISEKEZA RY’IMINSI 16 YAHARIWE KURWANYA AMABI AKOREGWA ABAKENYEZI N’ABIGEME- UMWAKA W’2019.

Na Elie HARINDAVYI

 

Barundi, Barundikazi

  1. Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo, Uburundi burifatanya n’amakungu mu gutanguza Isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Ico kiringo gitangura igihe cose ku wa 25 Munyonyo kikarangira ku wa 10 Kigarama.
Nyakubahwa Martin NIVYABANDI, Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira igire yariko arasoma itangazo kuri uyu wa Mungu ig. ryz 24 Munyonyo 2019 (Photo par Elie HARINDAVYI)
  1. Iryo sekeza ryashinzwe mu ntumbero yo kwibuka abakenyezi benshi nabigeme bashikirwa n’amabi afatiye ku gitsina bigatuma ataho bishikana canke ngo bashikane imiryango yabo.

 

  1. Ni akaryo kandi kuri abo bose biyemeje kurwanya amabi afatiye ku gitsina ko gusubiza agatima mpembero ngo barabire hamwe aho bateje ikivi ; ivyagenze neza babishishikare, ivyabagoye na vyo batore ubuhinga bwo kubirengera na kare ngo « akatavuga ntigahenda akavuga ».

 

  1. Uno mwaka, rino sekeza rizokwisunga icivugo kivuga kiti:” «  Uburundi bwakaka : Twese hamwe turandurane n’imizi amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ».

 

  1. Kino civugo kitwereka ko uruhara rw’umwenegihugu wese rukenewe kugira ngo turandurane n’imizi ako karanda kabishe ngo twubake Uburundi bwakaka.

 

  1. Uwu mwaka iri sekeza rishitse Leta y’uburundi iriko irakora bimwe biboneka ngo ako karanda gatuzwe mu gihugu mu gushigikira cane ibikorwa vyo kwiteza imbere ku bakenyezi ngo bagwanye ubukene bwo ntandaro ikomeye yayo mabi.

 

  1. Muri ico kiringo, ibikorwa bitari bike birategekanijwe na canecane kumenyekanisha itegeko ryerekeye gukinga amabi afatiye ku gitsina, gukingira abayakorewe no guhasha abayakoze ku ndongozi zitandukanye.

 

  1. Ibirori vyo gutanguza icese iryo sekeza bizoba kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019, mu ntara ya Karusi, muri komine ya Bugenyuzi.

 

  1. Duhamagarira Abenegihugu bose na canecane abo muri komine Bugenyuzi gusidukana n’iyonka mu ibirori vyo gutanguza iryo sekeza no gukwirikirana ibikorwa vyategekanijwe muri ico kiringo.
  2. Ni hahangame Uburundi buzira amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ! Murakoze ! Imana ibahezagire !

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →